Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuhinga bwo guhanahana amakuru bufasha muri vyinshi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubuhinga bwo guhanahana amakuru bufasha muri vyinshi

Ubuhinga bwo guhanahana amakuru bufasha muri vyinshi

samedi 4 Nzero 2014

Ubuhinga bwa none buguma buzana bishasha. Hari ubwoko bwa ngendanwa “Smartphones” bukorana n’ubuhinga ngurukanabumenyi “Internet”. Abanyagihugu bo mu bihugu bimwe bimwe barazikoresha mu gutanga amakuru ari kumwe n’amasanamu ku bibi bikorwa n’abari k’ubutegetsi umwanya ku mwanya. Ivyo rero biraheza bikaba ivyagiriji kubo bishikiye aho ni nko mu gihugu ca Kenya na Guinee. Ikindi na co, izogendanwa zirafasha abanyagihugu gushira abategetsi babo, akarorero ka hafi n’ibihugu vy’Urwanda.

Mu gihugu ca Guinee

Kw’igenekerezo rya 28 Nyakanga 2009 ku kibuga co mu gihugu ca Guinee mu gisagara ca Conakry harabaye ubwicanyi bw’agahomera bunwa, ivyo ntivyari kumenyekana iyo hataba za ngendanwa. Iryo ntiryari irya mbere abanyagihugu batagira ibirwanisho bishwe n’ubutegetsi bw’agahotoro bwa Sekou Toure na Lansana Conte yanse imyiyerekano abanje gusesa amaraso y’abanyagihugu. Kubera za gendanwa zikorana n’ubuhinga ngurukana bumenyi, amasanamu n’ukuntu ayo mabi yakozwe vyarashoboye kumenyekana.

Amakungu yarashoboye kwirabira uko ubwo bwicanyi bwagenze, amasanamu 156 y’abantu baguye muri ubwo bwicanyi yarabonetse. Si ivyo gusa, n’amasanamu y’abagore 109 bafashwe ku nguvu n’abasirikare yarabonetse. Ico gihe, amakungu yarahagurutse ariyamiriza ubwo bwicanyi bw’ubutegetsi, maze Moussa Dadis Camara araheza arihagira ubutegetsi araheza yemera ko agiye gutwarira abanyagihugu. Inyuma y’ubwo bwicanyi, ishirahamwe mpuzamakungu ryaragize amatohoza, eka na Sentare mpuzamakungu«CPI» yaragize amatohoza kuri ubwo bwicanyi. Abari bagirizwa ubwo bwicanyi bararondewe maze bararengutswa imbere yi yo sentare.

Mu gihugu ca Kenya

Mu gihugu ca Kenya ukudahana ivyaha kwaragabanutse kubera izo ngendanwa. Inyuma y’amatora yo mu mwaka w’i 2007, abanyagihugu bagiye hamwe barugurura umuhora witwa « Ushahidi » bisigura « icabona ». Kuri uwo muhora baregereranya amakuru ava ku butumwa bugufi, kunyandiko zihanwahanwa hagati y’abantu, barakwirikirana amakuru aca k’umurongo wa Facebook no kuri Twitter kugira bamenye abakoze ubwicanyi bw’abanyagihugu 1 300. Kimwe mu vyuma vy’ubwenge citwa «SwiftRiver» carakoreshejwe mu gutanga ya ca kinyamugigima catikiza inganda mu gihugu ca Haiti mu mwaka w’i 2010, umuriro watikije amashamba mu gihugu c’Uburusiya, eka n’ahandi hose. Ubwo buhinga rero bwarahawe ikibanza kinini kw’isi yose.

Kubera wa murongo ntangazamakuru « Ushahidi », sentare mpuzamkungu yararengukije bamwe mu bategetsi bo mu gihugu ca Kenya nk’icegera c’umukuru w’igihugu William Ruto, eka n’umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta yari kurenguka mu kwezi kwa Munyonyo 2013, azorenguka imbere ya sentare mpuzamakungu kw’igenekerezo rya 05 Ndamukiza 2014.

Mu gihugu c’Urwanda

Mu gihugu c’Urwanda naho, abatavuga rumwe n’ubutegetsi, bimwe mu bimenyeshamakuru, eka n’amashirahamwe mpuzamakungu yirukira ku murongo wa Twitter kubera Paul Kagame akoresha cane uwo muhora. Mu bihugu bimwe bimwe amakuru aca ku mihora nk’iyo arakwirikiranwa cane. Ku bw’ivyo, ishirahamwe riharanira agateka ka zinamuntu mu karere k’ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini «LDGL» ryahisemwo gushinga umuhora ntangazamakuru wabo mu gihugu ca Suisse kugira birinde ko amakuru yabo asomwa uko batabishaka.

Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame ari mu bakuru b’ibihugu bakoresha cane umuhora wa Twitter, abagera ku 200.000 barakwirikirana ivyo Kagame yandika kandi kenshi arasubiza abamwandikira. Ku bw’ivyo hari abanebagura iyo nyifato y’uwo mukuru w’igihugu. Kenshi arishura abandika bamunegura, akabishura ababwira ko umukuru w’igihugu ari nk’abandi bantu. Muri make ubuhinga bwa none bwarahinduye imigenderanire hagati y’abakuru b’ibihugu n’abanyagihugu barongoye, eka n’abandi bantu bo kw’isi.


Cherif nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.