IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubuhinga bwa none burakenewe muma kaminuza yo mu Burundi

Ubuhinga bwa none burakenewe muma kaminuza yo mu Burundi

jeudi 22 Myandagaro 2013

Birabaje kubona ubuhinga bwa none muma kaminuza yo mu Burundi butaratera imbere. Abanyeshure bo muma kaminuza y’abigenga, ndetse nabo muri kaminuza y’igihugu ntibanyegeza akababaro kabo.
Abanyeshure baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE baranegura uko ivyo ubuhinga bwa none mu gutumatumanako amakuru vyifashe muri kino gihe mu gihugu c’Uburundi muri rusangi.
Ingorane nyamukuru muma kaminuza nka yose bahurirako, inyabwonko ziracabuze, co kimwe n’imihora ngurukanabumenyi.

Kayogera Laurent, umunyeshure wo kuri kaminuza yitiriwe umuco ati : "nk’akarorero ukuntu ibintu vyifashe mu bigo bibiri vya kaminuza yitiriwe umuco, ubuhinga bwa none buracari ingorane mw’iterambere ry’ubumenyi."
Kubw’umunyeshure Kayogera Laurent, haracari ingorane y’inyabwonko ari nke hamwe n’imihora ngurukanabumenyi. Ni agahombo gakomeye ku banyeshure.

JPEG - 40.2 ko
Kayogera Laurent

Kuriyo Benjamin, umunyeshure wo muri kaminuza y’igihugu nawe ati : "Muri kaminuza yacu, n’ubu ibijanye n’ubuhinga bwa none biracacumbagira. Ububiko bw’ibitabo bwo ngaho mu kigo ca kaminuza busanzwe ari nabwo bwa mbere mu gihugu cose busanzwe bufise inyabwonko nke abanyeshure bakoresha. "Ntitwemererwa gusoma ubutumwa bumwe buca ku mihora ngurukanabumenyi (mails ) kandi hari abigisha bamwe bamwe bahora baturungikira ivyigwa bacishije ku mihora ngurukanabumenyi.
Ikibujijwe coco ni kuja kuraba ya mihora ngurukanabumenyi yerekeye imibano (résaux sociaux), haba impamvu iyari yo yose ibigutumye."

JPEG - 87.6 ko
Kuriyo Benjamin

Umwigisha wo muri kaminuza atashimye ko bamuvuga izina amenyesha ko ukuntu ibintu vyifashe muma kaminuza birateye ubwoba. Nawe nyene asigura ko iyo ariyo ahanini ngorane nyamukuru ihanze ugutera imbere kw’ubumenyi muma kaminuza yo mu Burundi.

Abanyeshure hamwe n’abigisha bakaba bose hamwe bemeranya ko ubuhinga bwa none bukwiye gutezwa imbere cane mu nyigisho za kaminuza mu Burundi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.