Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubundi buryo buriko burigwa kugira abanyeshure 223 barekurwe na Boko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ubundi buryo buriko burigwa kugira abanyeshure 223 barekurwe na Boko (...)

Ubundi buryo buriko burigwa kugira abanyeshure 223 barekurwe na Boko Haram

jeudi 15 Rusama 2014

Abanyeshure baherutse kunyuruzwa n’umuhari w’intagondwa wa Boko Haram mu gihugu ca Nigeria, imiryango yabo yarashoboye kubona bamwe ku mboneshakure aho berekanywe na Shekau.

Kugeza ubu rero, amakungu akaba ariko arakora ibishoboka vyose kugira abo bana bashobore gusubira mu miryango yabo. Igihugu c’Ubwongereza kikaba cemeye gutanga indege yoshobora kugenzura ahari abo bigeme 223 mw’ibanga ntangere, ndetse n’ugutanga abahinga bokorana n’abanyamerika, kugira abo bigeme bashobore kuvanwa mu vyara vy’abo bagizi ba nabi.

Igihugu ca Nigeria rero kikaba caremeye kugiriranira ibiganiro na Boko Haram kugira abo bana barekurwe. Ibihugu vya Rutura navyo, bikaba vyiyemeje kuguma bishigikiye ico gihugu ca Nigeria, na cane cane mu guhasha imirwi yose y’iterabwoba, imihari yagirizwa kuba ihohotera agateka ka zina muntu, mu kwama bagira ibitero ku banyagihugu binzira karengane, bagasiga babagandaguye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.