Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abandi bakinyi n’abamenyereza bahawe ubushimwe rimwe na Yaya Touré - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abandi bakinyi n’abamenyereza bahawe ubushimwe rimwe na Yaya Touré

Abandi bakinyi n’abamenyereza bahawe ubushimwe rimwe na Yaya Touré

vendredi 9 Nzero 2015

Igihe mu gisagara ca Lagos umukinyi Yaya Touré yahabwa agashimwe k’umukinyi wa mbere muri Afrika, hari n’abandi bahawe ubushimwe aba abamenyereza, abakuru b’imirwi, n’abakinyi bashimiwe.

JPEG - 32.7 ko
Yaya Toure ahejeje guhabwa agashimwe

Ubundi bushimwe butandukanye bwatanzwe uku gukurikira:

JPEG - 47.1 ko
Umukinyikazi Asisat Oshoala wo muri Nigeriya

1) Umukinyi wa mbere w’umwaka w’i 2014: Yaya Touré

2) Umukinyi wa mbere w’i 2014 akinira ku mugabane wa Afrika: Firmin Mubele Ndombe

3) Umukinyi wa mbere w’i 2014 w’umwigeme: Asisat Oshoala (Nigeria – River Angels)

4) Umuhagarikizi w’umwaka: Papa Bakary Gassama (Gambie)

5) Umukinyi akiri muto w’umwaka w’i 2014: Asisat Oshoala (Nigeria – River Angels)

6) Umuknyi wa mbere wa kazoza(Meilleur espoir): Yacine Brahimi (Algérie – FC Porto)

7) Agashimwe ka Fair-Play: umusatirizi Albert Ebossé

8) Umumenyereza wa mbere w’umwaka: Kheireddine Madoui (ES Sétif)

9) Umurwi nserukira gihugu w’umwaka: Algérie

10) Umurwi nserukira gihugu w’abakobwa w’umwaka: Nigeria

11) Umurwi w’umwaka: ES Setif (Algérie)

12) Umuyobozi w’umurwi wa mbere w’umwaka: Moise Katumbi Chapwe – umukuru w’umurwi wa TP Mazembe (RD Congo)


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.