Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburongozi bw’ishirahamwe CEDEAO bwahawe umukuru w’igihugu ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uburongozi bw’ishirahamwe CEDEAO bwahawe umukuru w’igihugu ca (...)

Uburongozi bw’ishirahamwe CEDEAO bwahawe umukuru w’igihugu ca Liberiya

mardi 7 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu ca Liberiya, Ellen Johnson Sirleaf, niwe yagenwe kurongora umuryango w’ubutunzi uhurikiyemwo ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero, CEDEAO.

Ellen Johnson Sirleaf yamenyesheje ko azokomeza amahoro n’umutekano, ariko agasaba ibihugu vyo muri uwo muryango gukora vyivuye inyuma kugira barwanye iterabwoba ryibonekeza mu bihugu bitandukanye vya Afrika.

Umukuru w’igihugu Ellen Johnson Sirleaf agiye mu kibanza cahoramwo umukuru w’igihugu wa Sénégal Macky Sall.

Amatora yashizeho Ellen Johnson Sirleaf mu burongozi bwa CEDEAO yabereye mu nama y’iryo shirahamwe CEDEAO yabereye i Dakar ku murwa mukuru wa Sénégal mu mpera z’indwi twaraye dusozereye.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.