Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lydia Nsekera yongewe ayandi mabanga mpuzamakungu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lydia Nsekera yongewe ayandi mabanga mpuzamakungu

Lydia Nsekera yongewe ayandi mabanga mpuzamakungu

jeudi 3 Ndamukiza 2014

Uburongozi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’inkino"Comité International Olympique" bwatoye umupfasoni Lydia Nsekera nk’umuyobozi w’urwego rw’abagore n’inkino bo muri iryo shirahamwe.

Ikiringo c’imyaka ane ( 4ans) nico umupfasoni Lydia Nsekera yahawe, aterwa iteka ryo gutorwa n’ubuyobozi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’inkino, yahawe nk’umukuru w’urwego rw’abagore n’inkino bo muri iryo shirahamwe (Présidente de la Commission Femme et Sport). Yatowe kuri uwo wa kabiri w’igenekerezo rya 01 Ndamukiza.

Urwo rwego rwahora rurongowe n’umunyamerikakazi Anita de Franck, rukaba rwari rugizwe n’abagore nka Princesse Nora Liechtenstein na Haya Ali Hussein bava mu gihugu ca Emirats Arabe Unis hamwe na Nawal El Moutawakel ava muri Maroc. Harimwo n’abandi nk’umuganwa Feisal Al Hussein ava mu gihugu ca Jordanie, hamwe na Issa Hayatou arongoye ishirahamwe rya Afrika ry’umupira w’amaguru (CAF).

Mwomenya ko uwo mukenyezi Lydia Nsekera yari asanzwe afise n’ayandi mabanga, kuva mu mwaka w’2009. Yari mubagize urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’inkino "Comité International Olympique". Kuva mu mwaka w’2013, ari mu rwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru (FIFA). Arongoye kandi urwego rw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose c’umwaka w’2014 kizohiganirwa abagore mw’ishirahamwe FIFA. Kuva mu mwaka w’2013, ari mu nzego zitegura inkino "Jeux Olympiques" zizobera i Tokyo mu mwaka w’2020.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • NDAGUKEJECANE.SHISHIKARA UTERIMBERENKUMUZINGA.TURIFUZA KOMWOTORANYABAMWE MUBIGEME(ABAKENYEZI)BASHOBOYE URUKINOKANAKA,NABOBAGIRUMUGWI UKOMEYE NSERUKIRAGIHUGU.MURAKOZE.

  • Ndagukeje mupfasoni. Utere uja imbere muri sport yawe. Ngira aho Révérien ntiyokwipima basha.

  • Imanishimwe kumateka abarundi bahaye barashikako, bisigurako, tutabuze indongozi za abarundi, zishoboye, nukumenya igituma rero, nivyacu bindi tutobikoraneza? ababona kure, nibimenyetso, vyukukuzoba mubihe vyavuzwe, turindire twihangamye, abasenga basenge, nyenikirindi arimukazi. Dieu est au service. bitebe bitebuke abarundi bazoba mukibanza cabo
    twizere imana yo itabesha. ndamukeje Mme Lydia, arafise ubushizi bwamamga, aratuje, kenshi yahagatiwe nabahanuzi babi,, ariko ntamvura idahita, azogaragaza ingabire ziwe zubukozi. imana ijimbere uburundi n, abarundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.