Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburongozi bwa Lydia Ludic bwizeye intsinzi ku murwi wa Angola - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uburongozi bwa Lydia Ludic bwizeye intsinzi ku murwi wa Angola

Uburongozi bwa Lydia Ludic bwizeye intsinzi ku murwi wa Angola

lundi 9 Ruhuhuma 2015

Umurwi wa Lydia Ludic Sport For Africa (LLS4A) uriko uritegurira bihagije urukino rw’imirwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Afrika "Champions Ligue". Umurwi bazohura ntiworoshe, ariko intsinzi iraboneka nk’uko bivugwa n’umumenyereza w’uwo murwi.

JPEG - 94.3 ko
Ibubamfu: Etienne, David, Gael na Lule

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, NDUWAYO David umuyobozi ajejwe ivy’ubutunzi mu murwi wa Lydia Ludic yamenyesheje ko abakinyi bameze neza, ko bamaze kuja mu karuhuko kugira bazokine bamerewe neza. Avuga ko ibikenewe bijanye n’uburyo bihari, kugira umurwi utsinde urukino rwa mbere, maze ushike kure.

Umumenyereza wa Lydia Ludic, NDAYIRAGIJE Etienne avuga ko amaze kumenya ibitari bike ku bijanye n’uko umurwi bazokina wa KABUSCORP Do Palancas wo muri Angola wifashe. Umumenyereza Etienne aremera ko umurwi wa KABUSCORP Do Palancas atari uwo guta mu nda nsa. Kuri ico, amenyesha ko bawiteguriye bihagije, iyo myiteguro avuga ko yatanguriye mu nkino mw’ihiganwa rya Primus Ligue aho bafise ikibanza ca kabiri inyuma ya Vital’o.

Ku kibazo c’abakinyi nka NDARUSANZE Jean Claude yavuye mu murwi wa Lydia Ludic kandi yaheruka gutorwa nk’umukinyi wa mbere mu nkino zo mu mwaka uheze, eka n’umukinyi Emmanuel MVUYEKURE batazira Manu nawe nyene yavuye muri Lydia Ludic, Etienne yishura ko bafise abakinyi benshi kandi beza, ibibanza vy’abo bakinyi bagiye akavuga ko bamaze kubishiramwo abandi.

Kizigenza w’umurwi wa Lydia Ludic NDIKUMANA Youssouf bazatira Lule asaba Abarundi bose iyo bava bakagera gushigikira uwo murwi, kuko uzoba uriko userukira ighugu cose.

Urukino ruzoba ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 14 Ruhuhuma ku kibiga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.

JPEG - 43.6 ko
Soma aha munsi uko bimeze ivy’ibiciro

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.