Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi burakeneye abanonosoye ibidukikije - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Uburundi burakeneye abanonosoye ibidukikije

Uburundi burakeneye abanonosoye ibidukikije

mardi 11 Ruheshi 2013

Ishirahamwe rikora ivyigwa ku bijanye n’ibidukikije rimenyesha ko ata tegeko ritomoye ryiharije ibidukikije rihari rigenga ivyigwa ku bijanye n’ibidukikije.

Ku bisanzwe, nivya nkenerwa ko ivyirwa bikorwa kugira ibidukikije bikingirwe mu gihe hari imigambi itegerezwa gukorerwa mu kibanza catowe.
Igitangaje n’uko ata nzandiko canke ibikoresho bihari na cane cane mu buryo botunganya mwene ivyo bikorwa.

Harabuze ubumenyi mu nzego kugira ibikorwa nkivyo biranguke, ari naco gituma babifashijwe n’Ubuhollande, iryo shirahamwe ryifuza ko ivyigwa vyokorwa kugira bakingire ibidukikije kuko ari soko ry’ubuzima. Nk’uko amakuru dukura muri iryo shirahamwe abimenyesha, nta babinonosoye bahari bakwiye bashobora gukora ivyirwa nk’ivyo, ivyigwa ku bijanye n’ibidukikije.

Mu bushikiranganji buraba ibidukikije, igitigiri c’abashobora gukora ivyigwa ku bijanye n’ingaruka z’ibidukikije bagera kuri cumi, ivyo bikemezwa n’iryo shirahamwe rimenyesha ko ico gitigiri ari gito cane. Hihwejwe ivya nkenerwa muri ico gisata, abarongoye iryo shirahamwe basaba abategetsi gutunganya inyigisho zihwanye no gukingira ibidukikije ku bantu benshi bashoboka.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.