Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwasezeye inkino za CHAN 2014 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uburundi bwasezeye inkino za CHAN 2014

Uburundi bwasezeye inkino za CHAN 2014

jeudi 23 Nzero 2014

Imirwi y’umupira w’amaguru iri mu mahiganwa y’inkino za CHAN 2014 yaraye ihejeje igice c’umunani c’amahiganwa. Imirwi iri mw’itsinda D yarakuranyemwo. Imirwi 2 izobandanya mu gice ca kane yaramenyekanye.

Kw’igenekerezo rya 22 Nzero, igihe c’isaha imwe y’ijoro «19h00» ku kibuga Peter Mokaba Stadium kiri i Polokwame, urukino rwari rwitenze n’abantu isinzi, uri Abarundi, canke abanyamahanga rwahuza umurwi w’Intamba mu Rugamba n’umurwi w’Ingwe wo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Ku ruhande rw’Uburundi, abaravye ingene urukino bakinye na Mauritanie rwagenze, babona amahirwe menshi imbere y’umurwi wa Congo. Ivyo vyari uko mu gihe n’umurwi wa Congo nawo nyene wivugira ko atari urukino rworoshe naho bwari ubwa mbere Abarundi bagiye mu nkino za CHAN 2014.

Ku kibuga c’i Polokwame, umurwi w’Intamba mu Rugamba watanguranye
amahwahwa maze batanguza igitsindo ca mbere. Aho vyasa no kuvyura izo Ngwe za Congo. Kuva ubwo haciye hatangura kwibonekeza ugusatira gukomeye kw’abakinyi ba Congo, abo nabo ntibatevye kugombora kuko vyaboneka ko abakinyi bo hagati mu kibuga b’abarundi batafata neza umupira. Ivyo rero vyahaye intege Ingwe zo muri Congo. Urukino rwabonekamwo cane aba Congo. Ku ruhande ry’Intamba mu Rugamba, vyaboneka ko barushijwe kuko abakinyi bamwe bamwe basa n’abataye ibibanza vyabo kuko nk’umukinyi yari yambaye inomero 9 wo mu Ngwe za Congo nta mu kinyi w’umurundi yamufashe kandi ni nawe imipira yose yacako. Ikindi cabonetse n’uko Mac Arthur, umunyezamu w’Intamba mu Rugamba atako atakoze na Penality yarayifashe. Ku bitsindo 2 kuri 1, Intamba zirasezera inkino za CHAN 2014, naho atako batakoze kugira batsinde.

JPEG - 223.8 ko
Umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru mu Igihugu ca Kongo

Mw’itsinda D, imirwi ya Mauritanie na Gabon nayo nyene yarakuranyemwo. Umurwi wa Mauritanie waravyifashemwo neza naho vyasa n’ukurwanisha iryavunitse. Kunganya ibitsindo 2 kuri 2 n’umurwi wa Gabon ntaco vyafashije umurwi wa Mauritanie kuko waciye wifadikanya n’Intamba mu Rugamba mu gutekera basezera ikibuga c’i Polokwame. Ingwe za Congo n’umurwi wa Gabon baciye baronswa uburenganzira bwo kubandanya mu gice ca 4 ca nyuma c’inkino za CHAN 2014.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • pole sana...............Intamba mu Rugamba

  • intanmba turabakeje ivyiza birimbere turabiteguye BJ

  • Ico bikoze, ndakejeje abakinyi b’abarundi. 1 kuri 2 vy’umurwi w’igihugu ca RD Congo, bigaragara ko umupira mu Burundi uriko utera imbere. Hasigaye ko Leta irushiriza kubafata mu mugongo. Niko, abakongomani (Leopard) turavye imyaka bagiye bakina banaseruka mu makungu muri urwo rukino rw’umupira w’amaguru, bari bafise ivyizere vyo gutsinda Intamba du Burundi. Umurwi w’Intamba, nta bakinyi hagati bakomeye ifise. N’ico gituma imipira yose ija ku bakinyi basatira, iva ku munyegori canke ku bakinyi b’inyuma. Bisigura ko ivyo guhererekanya umupira bikigoranye mu Ntamba. Kugire bishikweko, hakenewe ko banonosora maitrise ya balle na precision dans leurs passes. Merci a Yamini ni umukinyi mwiza, ariko agabanye ishavu mu kibuga. Gutsindwa ni ibisanzwe, ariko ni ukwerekana ico umwe wese ashoboye. Yamini na Fiston, ejo canke hirwa y’ejo, muzohamagarwa gukina mu mirwi des professionnels hisunzwe ubuhinga n’ubwira mufise muri urwo rukino. Mubwire entraineur n’abakinyi ko urukino rwa teratwiruke rwarataye igihe. U Burundi n’amakungu, baryoherwa bakanashima kuja kurorera urukino rurimwo ubuhinga. Muracari bato, Uhoraho abarinde kandi abahe inkomezi.

  • Ntakibazo nahobageze sihabi dukomeza kubashigikira ukurikwamwe mbese nokurenza ukovyaribisanze, nakare dusanzwe tubiziko uryamurwi wabarya bagenzibacu bomugihugu kibanyi ca Congo birazwiko arumurwiwibihangange muri Africa yose nubwo ni Ntamba murugamba tutarabo gutamundasa.

  • Nta mupira usukuye ntutubeshe ahubwo bakina nkabana bo muri yaga mukama

  • Mwaramutse iburundi ndashimye cane bimwe vyimazeyo nkengurukira umurwi intamba murugamba.baritanze rwose mbese natwe tuba hano tuvuze dutu tbahaye amasarude mwaratweretse ko mumyaka ikurikira tuzoba dukomeye.imana ibahe mamahidwe.yejo hazaza.

  • ntaco mwari mwagerageje. gusa milieu yacu ntakuntu, murarabe uko hazoba renforcé nabana banyaruka kandi bataruha vuba. merci

  • Mbegabasha Kuburundi Twahoratuzi Umupira Vyagenzegute Kugira Dusezerere Munkino ? Nonubwo Ntamanyangayahabay?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.