Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwatahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rya karaté ryabereye muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Uburundi bwatahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rya karaté ryabereye muri (...)

Uburundi bwatahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rya karaté ryabereye muri Kenya

lundi 23 Nyakanga 2013

Abarundi batahukanye ikibanza ca mbere n’imidari 4 kuri 6 yari mw’ihiganwa mpuzamakungu rya karaté zone 5 ryahuza ibihugu umunani, ryabereye mu gihugu ca Kenya kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 21 Nyakanga 2013.

Ishirahamwe JKA (Japan Karaté Association) ryo mu Burundi ryari ryatumiwe muri Kenya mw’ihiganwa mpuzamakungu ryahuje ibihugu umunani : Burundi, Kenya, Ouganda, Tanzaniya, Ethiopie, Afrika y’epfo, Quatar, Ubudagi. Abakinyi ba karaté b’abarundi batahukanye ibibanza vy’imbere. Mu midari itandatu, abarundi batahukanye ine n’ibikombe bitatu.

Mw’irushanwa rya mbere, aho umwe wese yerekana ubuhinga bwiwe, ikibanza ca mbere catahukanye umukinyi wa karaté w’umurundi Ntiruseseka Hervé. Yaciye aronka umudari w’inzahabu n’igikombe, kandi yongera akurikirwa n’abarundi nyene : mu kibanza ca kabiri hari Niyubahwe Franck, yaronse umudari n’igikombe, co kimwe na Ndabagobetse Isaac yatahukanye ikibanza ca gatatu.

Mw’irushanwa ry’abahiganwa barwana, ikibanza ca mbere catahukanwe n’umurundi Nsengiyumva Fulgence, aca aronka umudari w’inzahabu n’igikombe.

Ivyo bibanza vyiza vyatumye baca batumirwa mw’ihiganwa rizobera mu gihugu ca Ouganda mu kwezi kwa Munyonyo uyu mwaka turimwo, bamwe muri bo kandi bakaba baratumiwe no mu rindi higanwa rizobera mu gihugu c’Ubuyapani, mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2014.

JPEG - 38.6 ko
Ntiruseseka Hervé, yatahukanye ikibanza ca mbere mw’irushanwa, aho umwe wese yerekana ubuhinga bwiwe

Abo bakinyi ba karaté baraye bateye iteka igihugu c’Uburundi basaba ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama ko bwobafata mu mugongo mu kubaronsa uburyo, mu gihe vyagoranye ko baburonka, aho bariko bitegurira kwitaba iryo higanwa ryabereye mu gihugu ca Kenya. Bashimira Christophe Nkurunziza, ari nawe yatanguje ishirahamwe JKA (Japan Karaté Association), kuko ariwe ubwiwe yabahaye uburyo bwo gushika mu gihugu ca Kenya.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.