IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uburundi mu kibanza 130 ku bihugu 162 vyagizweko amatohoza mu gisata (...)

Uburundi mu kibanza 130 ku bihugu 162 vyagizweko amatohoza mu gisata c’umutekano

samedi 9 Myandagaro 2014

Ku bihugu bigera kw’162 vyagizweko amatohoza n’ikigo Global Peace Index mu mwaka w’2014, Uburundi buri imbere ya bimwe mu bihugu bisangiye akarere k’ibihugu binini canke akarere k’Afrika y’Ubuseruko.

Muri ico cegeranyo, Uburundi bukaba bugira 130. Mu bihugu bisanzwe bisangiye akarere k’ibihugu biri mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, igihugu ca Tanzaniya kiza ubwa mbere kuko kiri ku rutonde rwa 60, Uganda 110, Uburundi 130, Kenya 132, nayo Urwanda rukaba ruhereza mu bihugu bisangiye akarere mu gisata c’umutekano aho rugira 137.

Mu bihugu navyo bisangiye akarere k’ibiyaga bini n’Uburundi, buza ubwa mbere muri ico kibanza burimwo, bugakurikirwa n’Urwanda mu kibanza c’137, hagahereza igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo igira 155.

Mwomenya ko ibihugu umunani vya nyuma muri ico cegeranyo ca Global Peace Index ari Syria (162), Afganistan (161), Sudani y’Epfo (160), Irak (159), Somalie(158) , Sudani ya Ruguru( 157), Centrafrika (156)na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo (155).


Aristide Nizigire

Messages

  • Imana ishimwe ko duca ku Rwanda.

  • Iyo ataba rpa, Mbonimpa na Pacifique bama babesha twarikuba muri 50 vyambere

  • Hahaha muraza kumva urwanda ruraza kuvuga ko iyo rapport atagaciro ifise kuko barusize inyuma nkuko bamabarubigiriye .Urwanda rwamenyeyenabi kuko ikitaruvuga neza kiba atagaciro gifite canke cahaye igiturire mugabo iyo bavuze nabi uburundi ibitangazamakuru vyo mu murwanda vyihutira kubitangaza.Igisekeje nuko unomunsi ibitangazamakuru vyaho vyaruciye birarumira kuri iyo rapport yuno munsi hahahahahh

  • ewweee vubi uri vubi nyene, iki cegeranyo kiracuritse, nihehe mu rwanda mwumvise ibikorwa bimaramaje nk’ivy’imbonerakure? nimba bavuga u rwanda rwo muri 1994 aho nokwemera m ubu muri 2014 u rwanda rurusha umutekano ibihugu vyose vyo muri afriza. uravye ibiharuro vy’abantu bicwa mu bihugu vy’africa.
    SHAME ON Global Peace Index

  • Jewe murantweza munezerewe nuko muri imbere yu rwanda ?nagira murababaye kubona mutari mubihugu 10 vyambere /impiga irikure nku kwezi

  • Bigirindavyi urakoze kuvuga uko kandi wewe uvuga ngira ivyo utazi kuko jewe nzi impamvu navuze uko hama namba aho abantu baticwa ari mu Rwanda.Ivyo ntavyonzi ariko iconzi ntaho muri Afrika bica abantu nko mu Rwagasabo.Kandi pe ntamutekano Urwanda rudusumbakuko njayo kenshi ndahazi.

  • Murwandanyene burya nijishokurindi, harumunyarwanda wumututsi yabaye mubueundi aafise incuti yumurundi bakundanacane uwomunyarwanda yamayatembereye uwomugenzi wumurundi akanarara, ariko uwomjrundi yararaye kwuwo munyarwanda ngobibazo arimwo na DMI ngwarahagorewe!

  • Ico kibanza ni ciza cane ku Burundi,na none nuko hari abarundi umengo n’abanyamahanga bavuga uburundi uko butari,hanyuma ayo mashirahamwe agaca ashaka kubikorerarako cane.Niwirambire Burundi mpetso iduhetse.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.