Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi na Nigeria bigiye gufashanya mu bisata bitari bike - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Uburundi na Nigeria bigiye gufashanya mu bisata bitari bike

Uburundi na Nigeria bigiye gufashanya mu bisata bitari bike

mercredi 3 Mukakaro 2013

Igihe icegera ca Kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyakubahwa Gerevazi Rufyikiri yakira uwuserukira igihugu ca Nigeria mu Burundi Odi O. Nwosu mu rugendo rw’ubucuti, bayaze ahanini ku kuntu boteza imbere ugufashanya mu gisata c’ubutunzi.

Ahejeje ku mwakira, nyakubahwa Gerevazi Rufyikiri yamenyesheje
abamenyeshamakuru ko ari irya mbere uyo aje guserukira igihugu ca Nigeria agendera icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, muri iyi minsi amaze aje guserukira igihugu ciwe, ndetse aca amwipfuriza kuroranirwa mu mabanga yiwe. Abo bategetsi bose baramenyesheje ko imigenderanire y’Uburundi na Nigeria yifashe neza, mu gihe no muvyo bayaze bashimikiye mu vyo gufashanya no gukomeza ubucuti. Basavye bompi ko igisata c’ubutunzi coshigikirwa cane. Igihugu ca Nigeria kirateye imbere cane ugereranije n’Uburundi mu gisata c’Ubutunzi.

Uburundi rero bukaba buzoshobora gukura icirwa kuri Nigeria, mu guteza imbere igisata c’ubutunzi na cane cane mu bushakashatsi, uburimyi, ubworozi, ubudandaji n’ibindi. Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba yarashoboye kumubwira ibisata vy’ubutunzi ivyo bihugu bishobora gukoranamwo, nko mu bisata vy’uburimyi n’ubworozi, ubudandaji, amahinguriro n’umuyagankuba.

Uwuserukira Nigeriya mu Burundi akaba yamenyesheje ko ivyo bisata vyose azogerageza akabishikiriza aboshobora kuzana imitahe yabo mu Burundi, cane cane nk’abagwizatunga kugira bonyene bitorere ibisata boshobora gukoreramwo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ni intambwe ikomeye kw’iterambere ry’igihugu, imigenderanire myiza n’ibindi bihugu ni kimwe mu biteza imbere ibihugu. Abarundi rero bagire ingendo nkiyo yo kwama barahura ubwenge mu makungu ariko kandi babikurikirane bije mu ngiro koko ku neza y’abanyagihugu ntibibe ibiguma mu mpapuro gusa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.