Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi na Tchad bagiye gufashanya kugarukana amahoro n’umutekano muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uburundi na Tchad bagiye gufashanya kugarukana amahoro n’umutekano muri (...)

Uburundi na Tchad bagiye gufashanya kugarukana amahoro n’umutekano muri Centrafrika

mardi 15 Mukakaro 2014

Igihugu c’Uburundi n’ica Tchad bigiye gukorana mu gushira inguvu hamwe mu gufashanya kugarukana amahoro umutekano mu gihugu ca Centrafrika.

Mackaye Hassane Taisso, intumwa idasanzwe yarungitswe n’umukuru w’igihugu ca Tchad Idris DEBY ITNO, mu mubonano yagiranye n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, kuri uwu wa kabiri wa 15 Mukakaro, yamenyesheje ko yazanye ubutumwa yarungikanywe bwo gutsimbataza ubumwe hagati y’Uburundi na Tchad.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, Gervais Abayeho, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ubutumwa nyamukuru bwari bwerekeye imigenderenire iri hagati y’igihugu c’Uburundi na Tchad kuko bisanzwe biri no mw’ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu vyo muri Afrika yo hagati CEAC, iryo naryo rikaba ritwarwa n’umukuru w’igihugu ca Tchad, Idris DEBY.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza akaba yemeye ko Uburundi bugiye gufashanya hamwe n’igihugu ca Tchad mu gushigikiranira no mu gukorera hamwe kugira vyongereze inguvu bifise haba mu guteza imbere igisata c’ubutunzi canke mu mirimo yo kugarukana amahoro muri Centrafrika n’ahandi.

Mwokibuka ko Uburundi na Tchad ari ibihugu bisanzwe biri mu gikorwa co kugarukana umutekano muri Centrafrika, aho abasirikare bariko bagira uruhara rudasanzwe mu kugarukana amahoro muri ico gihugu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.