Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi : Ubutumwa buca ku buhinga ngurukanabumenyi bugiye kunyaruka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Uburundi : Ubutumwa buca ku buhinga ngurukanabumenyi bugiye kunyaruka (...)

Uburundi : Ubutumwa buca ku buhinga ngurukanabumenyi bugiye kunyaruka gusumba

vendredi 21 Ntwarante 2014

Mu gihugu c’Uburundi huguruwe icese ihuriro ry’umuhora ngurukanabumenyi bita mu rurimi rw’igifaransa point d’échange internet local , iryo huriro rikazotuma ubutumwa bwahora burungikwa, butazosubira kuzunguruka ibihugu bitandukanye kugira bushikire nyenebwo, uzotuma kandi n’ibiciro bigabanuka.

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 21 Ntwarante 2014, huguruwe icese mu bigo vya Chaire Unesco , ihuriro ry’imihora ngurukanabumenyi bise mu rurimi rw’igifaransa point d’échange internet local’’ . Uko vyahora bigenda rero, ubutumwa bwahora burungikwa hano mu Burundi bwahora burinda kuzunguruka mu bihugu vya Buraya ,vyumvikana ko bwafata umwanya munini. Ubu rero, ico gikorwa kizohora gikorerwa hano mu Burundi. Nk’uko Coppens Ndayiragije umukuru w ‘ishirahamwe Burundi X abimenyesha.

Akandi kunguko, ni uko ibiciro bizogabanuka. Ubutunzi bw’igihugu buhungukire eka mbere umuhora uzogira akanovera (la qualité de connectivité ) kuko kare wasanga abanyagihugu bidoga ko, ubutumwa bwabo bwatevye gushika ahanini, ugasanga hari nk’agatsinga kaho ubwo butumwa burinda guca mu kindi gihugu kagoranye, kuko iyo hari akagorane ahandi, n’Uburundi bwaca bukorwako. Iryo huriro ry’imihora hano mu Burundi, rikazotuma n’inkuru umuntu aba yarungitse zigira umutekano (le message transmis sera sécurisé) kuko zitazorinda kuzunguruka ibihugu bindi.

Mwomenya rero ko ivyo birori vyari vyitabwe n’umushikiranganji ajejwe ugutumatumanako amakuru n’imigenderanire n’inama nshingamateka Tharcisse Nkezabahizi. Mw’ijambo ryiwe, akaba yipfuza ko abanyagihugu bogira uburenganzira ku muhora ngurukanabumenyi, nk’uko ari uburenganzira kuronka amazi n’amatara. Intambwe uburundi bugeze ko, irerekana ko uburundi buratera imbere mu vyerekeye ivyo gutumatumanuko.

Ivyo birori bikaba vyari vyitabwe n’umuyobozi w’ibiro vy’Afrika ISOC (l’Internet Society ) Dr Dawit Bekele , uwaje aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika Philippe Niyongabo hamwe n’abandi banyacubahiro.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.