Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburusiya bwakiriye ihiganwa Miss Univers - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Uburusiya bwakiriye ihiganwa Miss Univers

Uburusiya bwakiriye ihiganwa Miss Univers

jeudi 7 Munyonyo 2013

Igihugu c’Uburusiya catanguje ihiganwa Miss Univers, rihuza abigeme banyabuye, bava mu bihugu 86. Bubaye ubwa mbere ico gihugu gitegura ihiganwa nk’iryo rimaze imyaka 61 ritanguye kw’isi.

Ku mugoroba w’umunsi wa gatatu igenekerezo rya gatandatu Munyonyo 2013, abigeme banyabuye baratanguye gutambuka bambaye twa duhuzu bogana « bikinis » dutukura n’utwirabura, bambaye amakanzu yambarwa ku mugoroba « robes du soir ». Iryo higanwa rizorangira ku munsi wa gatandatu hazoba ari igenekerezo rya 9 Munyonyo uno mwaka, mu nzu y’ibiteramo Crocus City Hall iri i Moscou, hazoba hari ibirori vya gakura.

Mu bazotanga amanota, harimwo umuririmvyi wo mu murwi Aerosmith, Steve Tyler, Filip kirkorov umwami w’umuziki wa Pop mu Burusiya, Uwuzoba uwa mbere uno mwaka, azotegerezwa kwambara agahuzu gakozwe « émeraudes, de rubis et de diamants »gafise agaciro k’umuliyoni w’amadolari. Uwuhambwa amahirwe n’umwigeme ava mu gihugu ca Philipines, Arielle Arida afise imyaka 24, afise urupapuro rw’umutsindo muri « Chimie ».

Ikitari kimenyerewe muri ayo mahiganwa, cateye n’impari n’ikibazo ca bamwe bahuza ibitsina babisangiye, aho Umunyamerika Andy Cohen, ari mu bahuza ibitsina babisangiye, yakurwa mu bari bategekanijwe gufasha muri ico gikorwa, aho hari mu kwezi kw’umunani 2013, inyuma yaho igihugu c’Uburusiya gitowe kuzoberamwo iryo higanwa. Andy Cohen yaranebaguye itegekoVladimir Poutine yashizeho mu kwezi kwa gatandatu 2013, ribuza rikongera rigahana abahuza ibitsina babisangiye ,kuja imbere y’abana batarakwiza imyaka isabwa n’amategeko. Yaciye asubirizwa n’umumenyeshamakuru Thomas Roberts akorera NBC, kubera yemeye ko inyifato yabahuza ibitsina babisangiye, itemewe mu Burusiya.

Mwomenya ko Uburusiya bwatsinze amahiganwa mu mwaka w’i 2002 na Oksana Fedorova, yahavuye akomborwa ikiringo ciwe kitarahera kubera atakoze vyo yategerezwa gukora. Ihiganwa Miss Univers ryatanguye mu mwaka w’i 1952, citabwa n’abigeme bafise hagati y’imyaka 18 na 26, batubatse kandi bataravyara, kandi atarigera yiyerekana yambaye izuba.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.