Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburusiya bwatanze iciyumviro gishasha ku kibazo ca Siriya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya bwatanze iciyumviro gishasha ku kibazo ca Siriya

Uburusiya bwatanze iciyumviro gishasha ku kibazo ca Siriya

mardi 10 Nyakanga 2013

Uburusiya bwatanze iciyumviro gishasha ku kibazo ca Siriya. Hagutera Siriya, Uburusiya buvuga ko hofatwa ibirwanisho vy’ubumara ya Siriya bigashirwa ku bubasha bw’amakungu. Ico ciyumviro kikaba gisa n’icakiriwe neza na Leta Zunzubumwe z’Amerika naho atawovyizera cane ufatiye ku mvugo z’abategetsi bico gihugu rutura.

Uburusiya bwatanze iciyumviro gishasha ku nyishu yofatwa ku kibazo ca Siriya. Uburusiya buvuga ko, hagutera Siriya, nihapfume hafatwa ibirwanisho vy’ubumara (armes chimiques) igihugu ca Siriya gifise hama bigashirwa ku bubasha bw’amakungu. Gutyo Siriya ntikigire ububasha bwo gukoresha ivyo birwanisho. Ico ciyumviro kikaba gisa n’igisutse mabisi ku migederanire y’Uburusiyao na Leta Zunzubumwe z’Amerika. Ikimenyamenya, Barack Obama akaba yavuze ko ico ciyumviro c’Uburusiya ari ciza kandi kija mu nzira nziza. Yemeye kandi ko Leta Zunzubumwe z’Amerika zigiye ku gifata nkama.

Ben Rhodes umuhanuzi wa Barack Obama, yari yamesheje, kuri uyu wa mbere uheze, ku mbonesakure MSNBC, ko Leta Zunzubumwe z’Amerika ziteguriye kugira ibiganiro n’Uburusiya kuri ico ciyumviro gishasha. Ariko nubwo biruko, Barack Obama yaravuze ko Leta ya Siriya itohirahira ngo isamaze amakungu kuko iciyumviro ca Amerika co gutera Siriya kitarahava.

Ico ciyumviro gishasha c’Uburusiya catumye inama nkenguzamateka ya Leta Zunzubumwe z’Amerika zigizayo umunsi wo kwemeza canke uguhakana icipfuzo c’umukuru w’igihugu Barack Obama. Icipfuzo co gutera igihugu ca Siriya.

Kubwa Hillary Clinton, uwahoze ari umunyamabanga wa Leta Zunzubumwe z’Amerika agira ati: “Mu gihe Siriya yo kwemera gushira ivyo birwanisho ku bubasha bw’amakungu, nkuko John Kelly n’abarusiya babivuga, yoba ari intabwe ikomeye cane”.

Kuri ivyo, Leta ya Siriya imenyesha ko yakiriyeneza ico ciyumviro. Ariko ku ruhande rw’abagwanya Leta ya Siriya bo ntibabibona uko. Ku mboneshakure Al-Jazeera, umukuru w’abarwanya Leta ya Selim Idrissa yagize ati : “ Duhamagariye amakungu gutera Leta irongowe na Bachard al-Assad kuko ivuga ibinyoma, nayo Poutine niwe mwigisha w’ikinyoma wabo”.

Mwomenya ko bivurwako igihugu ca Siriya kiri mu bihugu vya mbere kw’isi bitunze ibirwanisho vyinshi vy’ubumara bita mu gifaransa “armes chimique”.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.