Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburusiya bwirukanywe mu murwi w’ibihugu rutura G8 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya bwirukanywe mu murwi w’ibihugu rutura G8

Uburusiya bwirukanywe mu murwi w’ibihugu rutura G8

lundi 3 Ntwarante 2014

Naho ibiganiro vyari vyakobeje hagati y’ibihugu rutura vya G8 mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo birajwe ishinga n’ivyo bihugu, igihugu c’Uburusiya gisanzwe kiri muri uwo murwi wa G8, caraye gitorewe igihano ca mbere co kuva mu bikorwa vy’’uwo murwi.

Inyuma y’inama yari yagizwe n’ibihugu rutura vyo kw’isi G8 bigizwe na Reta nzunze ubumwe z’Amerika, Ubuyapani, Ubudagi, Ubufaransa, Ubutariyano, Ubwongereza, Canada hamwe n’Uburusiya, kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 2 Ntwarante, harafashwe ingingo idasanzwe. Ivyo bihugu rutura bikaba vyamenyesheje ko bihagaritse imyiteguro y’inama idasanzwe yobaye i Soctchi mu kwezi kwa Ruheshi umwaka w’2014. Bikamenyesha kandi ko G8 igiye kuba G7 nk’uko vyari mu myaka y’i 1990.

Iryo tangazo ryasohowe mu kirimba ca Reta zunze ubumwe z’Amerika kw’izina ry’ibihugu rutura indwi vyifadikanije n’ibihugu bigize umuryango wa Buraya, rivuga ko Uburusiya butorewe igihano co guhagarikwa mu bikorwa vyose vy’umurwi wa G8 gushika igicu gisubiriye kumera neza hagati y’ivyo bihugu. Nk’uko vyamenyeshejwe na John Kerry, umunyamabanga wa Reta zunze ubumwe za Amerika, mu vyatumye igihugu c’Uburusiya gifatirwa igihano co kuva mu murwi w’ibihugu vya G8, ni uko cagiye kwinjira mu mabanga y’igihugu ca Ukraine, mu guhonyanga amategeko mpuzamakungu no mugufasha kudurumbanya umutekano waho.

Moscou ikaba yasabwe na G7 kwemera ibiganiro. Abagize ivyo bihugu bakaba nabo biteguye kugira ibiganiro na Vladmir Poutine kugira bigire hamwe uburyo hogaruka icuka ciza hagati y’ivyo bihugu. Iryo tangazo ryasohotse mu gihe abajejwe imigenderanire bo mu bihugu rutura vya Buraya bari mu gikorwa co guhagarika ibiriko birakorwa hagati y’igihugu ca Ukraine n’Uburusiya. William Hague ajejwe imigenderanire mu Bwongereza akaba ari ubu i Kiev muri Ukraine, aho ari kubonana n’abategetsi b’ico gihugu.

Mwomenya ko Poutine yemeye ibiganiro kuva aho ibikorwa vyo gucudika hamwe hagati y’Uburusiya na Ukraine bizaniye ingaruka mbi y’ihagarikwa ry’Uburusiya muri G8. Kuva kuri uyu w’Imana, Angel Merkel akaba adahangeshanya kwakura Vladmir Poutine akamwagiriza kuba yarahonyanze amategeko mpuzamakungu. Poutin akaba yameye mbere ko hatangura igikorwa co kugira amatohoza kuvyabereye vyose muri Ukraine.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.