Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburusiya n’Ubushinwa bisaba Korea zombi kwigumya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya n’Ubushinwa bisaba Korea zombi kwigumya

Uburusiya n’Ubushinwa bisaba Korea zombi kwigumya

samedi 30 Ntwarante 2013

Ubushinwa n’Uburusiya vyasavye impande zombi zihanganye muri Korea kwigumya ngo ntihaduke intambara mbi cane.

Ivyo bisabwe nyuma y’aho umukuru wa Korea y’uburaruko, Kim Jong-un, ateguriye ibisasu vya misile birasa kure mu kwitegurira gutera ibirindiro vya Amerika, abanye Amerika nabo bakagurukana indege za B-2 zitera ibisasu, mu mwimenyereza muri Korea y’ubumanuko.

Uburisiya bwavuze ko ivyo bwise ibikorwa vy’uruhande rumwe, biriko biratuma haba ibikorwa vyinshi vy’igisirikare.

Korea y’uburaruko imaze kurungika ubutumwa bwinshi bugabira intambara, mu kwishura ku myimenyerezo ya gisirikare ya Amerika na Korea y’ubumanuko, hamwe n’ibihano bishasha vya ONU.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.