Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo bushasha bwokuziganya amafaranga bwateguwe na FONIC - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Uburyo bushasha bwokuziganya amafaranga bwateguwe na FONIC

Uburyo bushasha bwokuziganya amafaranga bwateguwe na FONIC

jeudi 4 Mukakaro 2013

FONIC, ikigega c’iterambere ry’amakomine cashinzwe kugira gifashe ama komine ashobore kwigenga mu bijanye n’uburyo bw’amafaranga. Mu gihe hari uruganda rwari rwabaye igenekerezo rya 31 Rusama 2013 mu gisagara ca Gitega, mubikorwa vyo kwemeza ivyaranguwe, Spes-Caritas Njebarikanuye, umuyobozi mukuru wa FONIC, yamenyesheje ko ubwo buryo bushasha bwo kuziganya amafaranga buzoba ngirakamaro kuma komine.Kubwiwe, ubwo buryo buzobashoboza gutegura imigambi ahanini izoba iri mu gitabo hama izoshirwe mu ngiro n’amafaranga azoba avuye mu kigega ca Leta canke atanzwe n’abafasha.

« Hari n’amafaranga yagenewe kuzokoreshwa mu yindi migambi itazoba iri mu gitabo, n’ukuvuga mu migambi mito mito », ibishikirizwa na Spes-Caritas Njebarikanuye. Yamenyesheje kandi ko muri ubwo buryo bwo kuziganya amafaranga, hazoba hari uburyo buzojanwa mu ntonde nkuru nkuru nzumvikanyweko hagati y’ama komine na Leta canke n’abafasha, hace haba n’amafaranga azokoreshwa mu migambi izoba yumvikanyweko gukorerwa hamwe hagati y’amakomine abiri canke atatu.

Iciza kiri muri ubwo buryo bushasha, ngo nuko igihe amakonine azokwemera kubukoresha, azogira inguvu zidasanzwe, kuko ata muntu azoba akirinda kubabwira umugambi bokora.Ikindi naco, nuko ubwa mbere amakomine yidogera Leta ko itanga amafaranga agera ku bice cumi na 15 kwi 100 gusa mu gushigikira imigambi y’iterambere, ariko ubu ko ivyo bice bigiye kwiyongerako.

Muri urwo ruganda, vyari bitunganijwe ko aba musitanteri b’ama komine 129 bumvikana kukungene bogenzura ama komine. Kubwa Jean-Marie Ntihirageza, umuyobozi mukuru mu bijanye no gutunganya ivyiterambere mu bushikiranganji bw’iterambere ry’ama konine, kuva 2010, yaratanguje uburyo bwo kugenzura amakomine bwiyerekana mwitunganywa ry’imigambi y’iterambere. Kubwiwe, amakonine afise umugenzo wo kutagira amanama kandi atarategerezwa kuja munsi yane ku mwaka. Ari naco gituma vyari bitunganijwe muri urwo ruganda ko bumvikana kukungene igenzura ry’amakomine ryokorwa, izibaye iza mbere kurusha izindi nazo, zikaba zitegekanijwe kuzoronka agashirukabute.

Ariko ama komine yo mu gisagara ca Bujumbura ntazogenzurwa co kimwe n’ayo hagati mu gihugu kuko inzego zidatunganijwe co kimwe. Mwomenya ko amakomine 18 yaronse agashirukabute k’amafaranga agera ku miriyoni zitanu kuko yigenjeje neza mugutunganya imigambi y’iterambere.Izo komine nazo ni : Komine Busiga ifise ibice 91 kwi 100, Mwumba 89 kwi 100, Muhuta 88 kwi 100, Itaba, Tangara na Ngozi 82 kwi 100, Buraza 86 kwi 100, Rutegama 84 kwi 100, Bukirasazi na Gitega 83 kwi 100, Giheta 82 kwi 100, Mpinga Kayove na Kayanza 82 kwi 100, Makebuko na Nyamurenza 80 kwi 100, Rutovu na Mutimbuzi 79 kwi 100.

Umushikiranganji w’iterembere ry’amakomine, Jean-Claude Ndihokubwayo, mu gihe nawe yari yifatikanije n’abandi muri ivyo bikorwa vy’amakonine, yarangije ahamagarira ayandi makomine ataronse udushirukabute kurushirizaho gutera intambwe mu bikorwa kugira nayo nyene aze ashimirwe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.