Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo bwiza bwo gusaba kudugirizwa umushahara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Uburyo bwiza bwo gusaba kudugirizwa umushahara

Uburyo bwiza bwo gusaba kudugirizwa umushahara

mercredi 5 Ruheshi 2013

Gusaba igiharuro kiri hamwe iyo uriko urasaba bakwongerereze umushahara vyoba bifise akarusho kurusha gusaba ukoresheje ibiharuro biherezwa n’igiharuro ubusa. Ivyo bivugwa mu cigwa cakozwe na Columbia Business School, icigwa kizofasha cane ku bantu kuri bariko biyumvira muri iyi misi gusaba akarusho mu kazi kabo.

Namba imbere y’uko uwu mwaka uhera, mwumva mwosaba umukoresha ko agashara koduga, ico cigwa cakozwe na Columbia Business School kikaba cashizwe ahabona n’ikinyamakuru Quartz turizeye ko kizobafasha.

Ico rero cerekana ko kubwira umukoresha wawe umushahara ushaka gufata vyoba vyiza umuntu avuze igitigiri gidaherezwa n’ubusa. Kubwa Malia Mason yatumye haba ico cirwa, n’ukwereka umukoresha wawe ko ufise ubumenyi, ko ushoboye gukora kandi ko ufise agaciro mu kazi. Avuga ko gusaba amafaranga 95 500 nk’akarorero vyoba ari vyo vyiza kurusha gusaba nk’amafaranga 100 000. Gusaba igiharuro giherezwa n’ubusa nk’uko dukunze kubibona henshi vyoba bituma mbere umwimbu utaba mwinshi.
Ico cigwa kivuga ko iyo kenshi umuntu asavye amahera yo kwongerezwa ku mushahara aherezwa n’ubusa canke arimwo ubusa butonze ngo ni gake mbere haba iryo duzwa ry’umushahara.

Kubwa Malia Mason, turihenda cane iyo twibajije ko tuvuze amahera menshi arirwo rufunguruzo rwo kudugiriza umushahara. Ariko muzohava musanga muvyononye vyose iyo musaba amahera menshi arenze. Basanze kuvuga ayatari menshi kandi ukavuga impamvu uvuze ayo ko ariyo abakwiye, kenshi ngo birakunda.

Kugira ibiganiro usaba ko bakwongerereza ni vyiza ariko naho nyene ntuce uba umuntu ahagaze ku ngingo ziwe gusa kugira ashike kuvyo ashaka. Muraba mwumva abantu bipfuza gusaba ko agashara kabo gasubirwamwo kakaduzwa ni ukuraba neza amahera umuntu yosaba kugira ntahave asanga asavye menshi agasanga yiyononeye amahirwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.