Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo wosaba umukunzi wawe ko mwokwubakana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Uburyo wosaba umukunzi wawe ko mwokwubakana

Uburyo wosaba umukunzi wawe ko mwokwubakana

vendredi 7 Ruheshi 2013

Gusaba umuntu ko mwubakana bimwe bita mu gifaransa ‘’demande en mariage’’ ni ikintu gikomeye cane. Namba ushaka ko ivy‘iwawe bikunda, n’uko wokwirikiza ibi bintu bikurikira:

1. Wizere ko akwishura ego

Ikintu nkenerwa cane iyo ugomba gusaba umuntu ko mwubakana ni uko ubanza kumumenya cane. Namba mu mutima iwanyu mubona ko uwo mukundana atavyitayeho ngo n’uko woha umwanya ibishobisho vyanyu bigakura.

2. Kurindira akanya keza

Murabizi mu buzima nta kanya keza kabaho, ahubwo ni uko umuntu arondera akaryo ko gukora canke kuvuga ibintu. Mugabo harakenerwa ko ubanza kubona ibintu iyo bija kugira ushikirize akajambo, kuko murabona iyo uwo mukunzi wanyu yumvise inkuru nkiyo mu buzima bwiwe aca acamubihe bigoye atangura kwibaza aho ico kigabane mwatanguye c’ubuzima kizoherera. Uwo mwanya siwo bita umwanya mwiza kuko umukobwa abanza kwiyumvira cane.

3. Banza ugumye ibanga

Muraryohewe cane kandi nivyiza ariko rero si uko woca ugenda urabiririmbira abo muhuye bose kuko urabona ibanga nta na rimwe riguma ari ibanga, vyoba biteye isoni nk’ubu uciye wumva umugenzi wanyu yadutse akubaza mu bantu ngo mbega wamubajije bwabundi ko mwokwubakana ugaca usanga yari yateguye kubimubwira mw’ijoro urumva ko woba wononye ibintu.

4. Kwirinda kubimusabira mu bantu benshi

Benshi bama bavuga ngo barakunda ko bababwirira mu bantu ko babakunda ariko sivyo. Hari ibintu biryoshe kubwirirwa ahantu mu busabane ata rwamo n’abantu benshi.

5. Uzokwirinde induru canke amarira

Hariho igihe umukobwa akwankira canke ntaguhe inyishu ubwo nyene ugaca uja muvyo gushavura mu majambo make ukaronka inyishu utari witeze. Gumana urupfasoni, reka guta ibanga kuko ibintu birashobora kuba bidaheze nk’uko wariko uravyibaza. Imbere y’uko wikumbagaza hasi niwiyumvire ko ashobora kuba akeneye umwanya wo kuvyiyumvirako.

6. Irinde guca ugira amatangazo kuri ya mihora facebook canke twitter

Arakwemereye akubwiye ego ntihaciye n’’amasegonda atatu ugaca wirukira kwamamaza inkuru kuri za facebook na twitter, mbega we ntiwumva ko biryoshe ko mwobanza mukaba muri ivyo bihe neza na neza muri babiri mukiha akanya ko kubivuga?

7. Wirinde gushira impeta mw’icupa ry’umuvinyu

Nta n’umwe aho arakubwira abamaze guhakwa kunirwa n’mpeta? Impeta bashize mu kirahuri canke muri bimwe twita gateaux birashobora kukujana kwa muganga gihutihuti, rero n’ukurondera ubundi buryo wobikamwo iyo mpeta yo kumusaba ko mwokwubakana.

8. Rondera utuntu dushasha tw’iwawe wenyene

Uwo mwanya n’intibagiranwa mu buzima bw’umuntu, igihe gikomeye cabakozeko uzoyagira umwana wawe, umwuzukuru n’umwuzukuruza. None nta kuntu wokora akantu gashasha kazotuma umuntu yama yiyumvira? Iyumvire n’ukuri akantu gashasha.

9. Mwubahe ni umukenyezi wawe mu misi iza

Ugusaba umuntu ko mwokwubakana ni bimwe bingana n’uko ungana, ariko atari kuri wewe gusa ahubwo no kuri uwo muzokwubakana. Mwereke ko umwubaha ukareka kumushira ahantu bituma atiyumva neza nk’akarorero kumujana mu bantu benshi iyo ari umuntu w’amasoni.

10. Umunezero ni ukuwusangira n’abandi

Mwamaze rero kuba muri ivyo bihe mwemeranije kuzobana, kandi mwabanje kuryoherwa mwebwe. Nimusangire umunezero n’’abandi kuko inyuma ya vyose ubukwe bwoba bumaze iki namba atari ukubana n’ibishobisho ahabona ku mugaragaro.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.