IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Agnes Bangiricenge : Hamwe Bob Rugurika yotanga uwishe ababikira batatu (...)

Agnes Bangiricenge : Hamwe Bob Rugurika yotanga uwishe ababikira batatu yoca atezurirwa’’

samedi 24 Nzero 2015

Ubushikiranganji bw’ubutungane buvuga ko hamwe Bob Rugurika umuyobozi w’iradiyo RPA yotanga umuntu yashikirije inkuru ijanye n’igandagurwa ry’ababikira batatu, yoca atezurirwa.

Mw’itangazo ryasomwe na Agnes Bangiricenge umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, amenyesha ko ipfungwa canke ukwunguruza Bob Rugurika mw’ibohero ry’i Muramvya bikurikije amategeko. Agenes Bangiricenge akerekana ko umuyobozi wa RPA yakoze amakosa akomeye mu gushikiriza inkuru y’urupfu rw’ababikira batatu bamuka mu gihugu c’Ubutariyano, mu gihe yari inkuru ikiri mu matohoza.

Agnes Bangiricenge akamenyesha kandi Guillaume Harushimana avugwa muri ubwo bwicanyi bw’ababikira batatu yari mu gihugu c’Urwanda ku magenekerezo ya 6 na 8 Nyakanga, mu misi y’igandagurwa ry’abo babikira. Ariko naho biri uko, amatohoza abamenyeshamakuru batandukanye b’amaradiyo yigenga yakozwe, akerekana ko uwo Guillaume Harushimana yari mu Burundi, ndetse ko muri ayo magenekerezo nyene yabonywe mw’ibare rimwe ryo mu Kamenge, ariko asangira agcupa n’umwe mu bategetsi bo muri iki gihugu.

Guillaume ndetse bikavugwa ko yari amaze iminsi ariko arita ku rutare mu kurondera uko yokwikurako ico caha c’urupfu rw’abo babikira, mu kurondera ikashe z’amagendo kugira yerekane ko yari mu mahanga, ko atigeze aja muri ubwo bwicanyi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ahubwo uwo. Agnes Bangiricenge nikirwarudubi kuki iminsi yarimaze ubwobutungane butigeze bunavuga aho ayomatohoza ageze?ikindi twokwibaza kuki iyaba ubutungane bwuburundi butari bushigikiye abobicanya batigeze bakorera kumatohoza ya RPA yarimaze gutohoza? Ubutungane bwuburundi turazi ko bukorera umugambwe urikubutegetsi nogufunga imvuga kuri muga mumenye ko igihugu kigiye guhinduka muminsi iza aho umurundi azokwishira akizana

  • None paf yurwanda nayo ntitera ikimangu mugitabo cuwinjiye mugihugu cabo murakoze muratohoze ariko ntihagire uwubesherwa

  • wamuntu wiyise mvuzo eka uzorindupfa urimvuzo mbega ntakirwarudubi gisumba we we iyo utazi ibintu wopfuma wihorera uratubaza twebwe twakoreshejwe mumarementanya meshi yakorwa na RPA ubu naromotse ngorewe mumahanga Iwo muntu naho boteka ibuye rigasha ntawe bobo azopfa arose ndabarahiye

  • Biratangaje cane kubona reta isohora iryo Tanganzo,,,n’uko bashaka ko uyo muntu yahoze avuga ko ari mu bishe ababikira ba tatu mu kamenge ,,uyo muntu aronderwa n’ubutegetsi bakeneye ko bomufata bakamwica hanyuma ukuri kukazzimangana bob n’iradio arongoye bagaherera mu mpimba,,,,abicanyi nabo bakaguma bidegemvya atangorane n’imwe,,,,ivyo vyose bigiye guhera intwaro ya CNDD FDD tugiye kuyisezerera ubutarariye soon Burundi will be change,,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.