IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubushikiranganji bw’ubutungane bwemeza ko Hussein Radjabu atanyurujwe

Ubushikiranganji bw’ubutungane bwemeza ko Hussein Radjabu atanyurujwe

mardi 3 Ntwarante 2015, par IGIHE

Ubushikiranganji bw’ubutungane bwemeza ko Hussein Radjabu yatorotse mw’ibohero rya Mpimba, kandi ko bwatanguye amatohoza.

Mu kiganiro ubwo bushikiranganji bwatunganije mu gatondo ko kuri uno wa 3 Ntwarante, naho ata mumenyeshamakuru yari arekuriwe kubaza ikibazo na kimwe, icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane yemeje ko uwahoze ari mu bihangange vy’umugambwe CNDD-FDD Hussein Radjabu atakibarizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuko yatorotse. Muri ubwo bushikiranganji bavuga ko ariho bagitangura amatohoza, ariko bakamenyesha ko amakuru bafise yerekana ko Hussein Radjabu atanyurujwe nk’uko bamwe bavyicura, ahubwo yatorotse ibohero rikuru rya Mpimba. Amakuru duhabwa n’abegereye umushingamateka Manassé NZOBONIMPA amenyesha ko umwanya uwariwo wose, Hussein Radjabu ashobora gushikiriza ijambo abamuyoboka, hamwe n’abarundi bose, bikavugwa ko yamaze kurengana imbibe z’igihugu c’Uburundi.

JPEG - 34.5 ko
Umushingamateka Hussein Radjabu yahoze aramutswa umugambwe CNDD FDD

Tubibutse ko umushingamateka Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD yatorotse ibohero rikuru rya Mpimba, mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, nk’igihe c’isaha icenda z’ijoro, agenda ajanye n’uwurongoye ikirindiro c’abaporisi ku Mpimba, uwo bita "De Corps", abaporisi batatu hamwe n’abanyororo bandi batatu bari basangiye icaha, harimwo Ribakare Bodouin batazina NDINDI, hamwe n’umwe mu banyororo yahora acungera ubuzima bwa Hussein Radjabu mw’ibohero rikuru rya Mpimba.


Floxella Karire

Messages

  • KOMERA UKOMEZE DEMOCRATIE NTACO UTABONYE

  • Muzee kama upo hai tunashukuru tunaomba ufanye haraka utujurishe habari kamiri kwasababu hapa wengi hatuna amani kama upo nakuringana jinsi tun ajua hao ndugu zetu warisha kua minyama sio binadamu tena lakin najua utawanyosha

  • hongela sana mzee!unaroho ya kiume.naamini utawatendea haki wengi wanaotegemea msaada wako.big up sir!!!

  • We congratulate you excellency for a good job you did in the week end that show us if you are able to do the rest.All burundian we praise your attitude and we wish you all the best for your new life of freedom we salute you sir God shall protect you and protect the works of your hands.Don,t mind them do your job because you exactly what to do,take Mr Hon.

  • Muzee hadji mungu azidi kukulinda popote upo nakare ukuri gucha kuziko ntigusha.nawe nkurunziza ugiye kugwara umutima ndazi neza kuva wunviye ko nyakubahwa el hadji Hussein avuye mugasho ataruhusha rwawe nimenyeko biguheranye woshaka ukibaza mbe yatorotse gute amakambi yugarije mpimba.nkuru nukuri amasengesho yawe agiye yahera numenyeko imana itarikumwe naweeee kubera amaraso reta yawe ya cndd fdd imaze kunywa uzobazwa wewe uri hejuru.

  • Uribuka ga Radjabu uvugako udafise icete canditseko wamaze iki kurugamba atazokujabukana umupaka?wabivugiye i muyovozi mubantu bari bamaze gushishwa na poltique yiyo ntagondwa .bAraKwemereye gukorana kirya catumye batakwemerera ninaco catumye natwe batatwemerera duca turabivamwo

  • Imana ihabwe icyubahiro kubona iyo nararibonye Imana iyiciriye Akanzu?nibyinshi bigiye guhinduka!Imana ikomeze ikujeimbere mumigabo nimigambi yawe yose!

  • Assalama Alayikum Wa Rahmatul-llahi Wa Barakatuhu. Al-hamdu li-llah.hangela kwa wa islam Wa Burundi.haj mzima kunyanyaswa na makafiri,ni alama yakuonyesha kutopendwa kwa wa islam,Allah jalla wa’la hangeweza kuziba masikiyo.lazima uislam utawale.ya haj,la Ta’ghudhul-kafiruna Awliyaa’ khad shahadta an-laa ilaha illa Allah.qaala taala:antum tuhibbunahum wa laa yuhibbuunakum hatta tattabi’ millatahum.
    YAHDIKA ALLAH YA HADJ.

  • Turarindiranye igishika cinshi ijambo ryihumure uzodushikiriza

  • Ninamushuku Mwenyezi Mungu mupangiliaji wa kila jambo ambae alipanga kinyume na bin Adam anavyopanga. Kama ulivyo pangiwa wewe kinara wa watu bwana Al Haj Hussein Radjab kuwa utapotelea kwenye jengo lile la kuhifadhia bin Adam wenzao kama wanyama. Ila Mwenyezi akasema LA sivyo. Bwana Hussein Radjab, Mwenyezi Mungu kesha onyesha nyota yako. We we ni kiongozi wetu kiongozi wa waRundi ambae utakuwa mufano katika utawala wa waRundi sasa na hapo baadae. Ubora wa uongozi wako unajitokeza Wazi bila kificho. Sisi ni wenye kukuombea kila LA kheri ili ujaliwe kutuongoza kama Mussa alivyo waongoza Wana Israeli nakuwafikisha katika Ardhi ya matumaini. Twakuombea barka na kheri pia utulivu. Ni salam Kutoka Afrika Kusi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.