Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushinwa: Bo Xilai yagirizwa kurya ruswa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubushinwa: Bo Xilai yagirizwa kurya ruswa

Ubushinwa: Bo Xilai yagirizwa kurya ruswa

jeudi 25 Mukakaro 2013

Umwe mu banyepolitiki bazwi cane mu Bushinwa, Bo Xilai, yagirijwe n’ubutungane bwo mu Bushinwa icaha co kurya ruswa n’ukwitwaza umwanya yari afise mu kunyonora amatungo ya Leta.

Ibi rero bikaba biri mu vyotuma ashikanwa imbere y’ubutungane mu mayinga make ari imbere. Iyi ngingo rero ikaba ari iy’ubutungane yo mu gisagara ca Jinan kiri mu Buseruko bw’igihugu c’Ubushinwa. Uyo mugabo rero bikavurwa ko yari amaze umwaka wose ataboneka mu butungane. Bo Xilai rero akaba yahoze ari umukuru w’umugambwe wa gikominista mu gisagara ca Chongqing, akaba ndetse yarigeze kuba umwe mu bantu bakomeye cane mu Bushinwa kandi akaba yaguma aduga cane muri uyo mugambwe.

Ukurwa kwiwe muri politike, nikwo kwoba kwatumye amakosa yiwe aja ahagaragara harimwo ivyo kunyonora amatungo n’ukwitwaza ubutegetsi. Ukwutumvikana kwiwe na bamwe mu bategetsi bo hejuru kukaba kuri mu biriko biramukwegera kwitaba ubutungane yagirizwa ruswa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.