Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushinwa bwahinduriye igihugu ca Maleziya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubushinwa bwahinduriye igihugu ca Maleziya

Ubushinwa bwahinduriye igihugu ca Maleziya

jeudi 3 Ndamukiza 2014

Ubutunzi bw’igihugu ca Maleziya buriko butera busubira inyuma, kuva habaye rya sanganya ryo kuwa 8 Ntwarante kuko ahanini, ico gihugu gisanzwe gitunzwe n’igisata c’ingenzi.

Kubura irengero ry’indege MH 370 yo muri Maleziya, mw’isanganya ryo kuwa 8 Ntwarante, bishobora kugira ingaruka mbi ico gihugu gisanzwe kibeshejweho ahanini n’igisata c’ingenzi. Abashinwa nibo bantu ba mbere bakunda kugendera ico gihugu bishakira akaruhuko, ubu rero biribonekeza ko abahora baja muri ico gihugu batanguye kugabanuka, kuko no ku biyaga vyaho muri Maleziya abantu bagabanutse. Ivyo vyavuye ku kamo bagiye baterana hagati yabo babicishije ku mihora ngurukanabumenyi, ko batosubira kuja muri ico gihugu.

Ubu rero ibigo vy’abashinwa (agences de voyage) bikomakomeye vyari bisanzwe bikora urwo rudandazwa rwo kunguruza abantu n’ibintu babicishije mu ndege ntibigikorana n’igihugu ca Maleziya. Hari ikigo c’abashinwa gisanzwe gikorera ku muhora ngurukanabumenyi, ubu rero bahagaritse gukorana n’igihugu ca Maleziya.
Kuva ku wa 8 Ntwarante, igihe haba isanganya, abasaba kuja muri ivyo bihugu baragabanutse bimwe biboneka. Mbere umwe mu bakuru b’ikompanyi y’indege yo mu gihugu c’Ubushinwa, yahanuriye abashinwa bose kudasubira gufata indege yo mu gihugu ca Maleziya.

Mwomenya rero ko ako agashavu k’abashinwa katurutse kuri rya sanganya ryo ku wa 8 Ntwarante ry’indege ya Maleziya n’ubu atawuramenya irengero ryayo, iyo ndege nayo ikaba yari irimwo abashinwa benshi cane. Mu mwaka uheze, umuriyoni w’abashinwa ukaba ariwo wagendeye igihugu ca Maleziya.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.