Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushinwa bwiyemeje gushigikira ababuriye mw’isoko nkuru ya Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubushinwa bwiyemeje gushigikira ababuriye mw’isoko nkuru ya Bujumbura

Ubushinwa bwiyemeje gushigikira ababuriye mw’isoko nkuru ya Bujumbura

mardi 26 Ruhuhuma 2013

Kuwa 25 Ruhuhuma 2013 niho intumwa idasanzwe y’Ubushinwa ishinzwe ibibazo vya Afrika, Zhong Jianhua, aho yabonana n’umukuru w’igihugu, yamenyesha ko igihugu ciwe kigiye gutanga amadolari y’abanyamerika ibihumbi mirongo itatu yo gufasha bababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura, igihe yasha igatokombera kuwa 27 Nzero 2013 .

Ayo mahera akaba aje yiyongera kutundi twigoro tw’Ubushinwa, aho ico gihugu gikunda gushigikira Uburundi no muyindi migambi y’iterambere.

Si Leta gusa, n’abashinwa baba hano mu Burundi baheruka kwegeranya imiliyoni mirongo ibiri z’amarundi, yo gufasha gutegura ikibanza kizoba kirimuriwemwo isoko muri Komine ya Ngagara aho bita kuri COTEBU, no gushigikira abadandaza utwabo twahiriye muri iyo soko.


Jean Michel Ndayikengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.