Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushinwa : impuzu ikingira umwigeme ntafatwe ku nguvu yaraye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubushinwa : impuzu ikingira umwigeme ntafatwe ku nguvu yaraye (...)

Ubushinwa : impuzu ikingira umwigeme ntafatwe ku nguvu yaraye ikozwe

mercredi 19 Ruheshi 2013

Si agaseseshwa rumuri kw’isi nzima, icaha co gufata ku nguvu abigeme n’abakenyezi cabaye ndanse hamwe usanga umugabo w’imyaka 60 adatinya gufata uruyoya rw’amezi, imisore idasiba gufata ba nyina, n’abagabo badatinya gufata umukecuru muzima.

Ico caha cabaye akananira bahinga ku buryo usigaye usanga iyo mu misozi uwafashe ikibondo cawe ku nguvu, uzi ngo wamushengeje bukeye gatatu ukaza ubona murareha. Ikibazo ni ikihe ko tubona umenga intwaro zirabigora gutuza bene ivyo vyaha? Bakenyezi namwe bigeme nta kuntu horonderwa uburyo bwo kwirinda ivyo bisare mu kwikingira mwebwe nyene ubwanyu. Ng’aka akarorero ko mu gihugu c’Ubushinwa.

Mu bushinwa harakozwe twa duhuzu duhambira umubiri ukamenga twanyoye n’amaraso bita ‘’collant’’. Ako gahuzu rero kakaba kuzuye ubwoya kugira bace intege ibigabo vyo mu Bushinwa bidasiba gushaka kubakorera vya mfurambi, mugabo bikaba bitamenyereye ubwoya ku bakobwa.

Kugira barwanye ivyo bisare bifata ku nguvu, igihugu cose gifise inyishu kibitorera. Nko mu gihugu c’Ubuhindi, tumwe abakenyezi bambara tubafatira amabere nitwo bashizemwo inyishu. Utwo duhuzu tukaba dufise umuyagankuba muri two, uje kwegera umwigeme uja kumukorako kaca kagufata. Mu bushinwa, aho gufata ku nguvu ari vyinshi cane, uburyo bakoresheje mu kwikingira ni iyo mpuzu iriko ubwoya buhanda yitwa collant, nta kintu gisa nk’ico mu kwigizayo ivyo bisare ukoresheje ivyo bihanda. Abandi nabo bavuga ko iyo mpuzu ije gutuma abo bagabo bareka kuba inyamaswa.

Ukwo gutora ako gahuzu namba ari imwe mu nyishu yashizwe ahabona n’uwitwa Weibo, akavuga ko ari impuzu ibica bigacika kuko ikingira abakobwa bashaka gusohoka muri za nzu z’ubutambiro mw’ijoro. Gusa ikitaramenyekana n’uko iyo mpuzu yoba idandazwa. Iyo mpuzu ikaba ari nko kwiyoberanya. Abakenyezi benshi barerekanye ko bayikeneye, ko boyigura. Bakizera ko batazosubirazohura n’ivyo bisare bifatana ku nguvu mw’ibarabara. Si agaseseshwa rumuri kw’isi nzima, icaha co gufata ku nguvu abigeme n’abakenyezi cabaye ndanse hamwe usanga umugabo w’imyaka 60 adatinya gufata uruyoya rw’amezi, imisore idasiba gufata ba nyina, n’abagabo badatinya gufata umukecuru muzima.

Ico caha cabaye akananira bahinga ku buryo usigaye usanga iyo mu misozi uwafashe ikibondo cawe ku nguvu, uzi ngo wamushengeje bukeye gatatu ukaza ubona murareha. Ikibazo ni ikihe ko tubona umenga intwaro zirabigora gutuza bene ivyo vyaha? Bakenyezi namwe bigeme nta kuntu horonderwa uburyo bwo kwirinda ivyo bisare mu kwikingira mwebwe nyene ubwanyu. Ng’aka akarorero ko mu gihugu c’Ubushinwa.

Mu bushinwa harakozwe twa duhuzu duhambira umubiri ukamenga twanyoye n’amaraso bita ‘’collant’’. Ako gahuzu rero kakaba kuzuye ubwoya kugira bace intege ibigabo vyo mu Bushinwa bidasiba gushaka kubakorera vya mfurambi, mugabo bikaba bitamenyereye ubwoya ku bakobwa.

Kugira barwanye ivyo bisare bifata ku nguvu, igihugu cose gifise inyishu kibitorera. Nko mu gihugu c’Ubuhindi, tumwe abakenyezi bambara tubafatira amabere nitwo bashizemwo inyishu. Utwo duhuzu tukaba dufise umuyagankuba muri two, uje kwegera umwigeme uja kumukorako kaca kagufata. Mu bushinwa, aho gufata ku nguvu ari vyinshi cane, uburyo bakoresheje mu kwikingira ni iyo mpuzu iriko ubwoya buhanda yitwa collant, nta kintu gisa nk’ico mu kwigizayo ivyo bisare ukoresheje ivyo bihanda. Abandi nabo bavuga ko iyo mpuzu ije gutuma abo bagabo bareka kuba inyamaswa.

Ukwo gutora ako gahuzu namba ari imwe mu nyishu yashizwe ahabona n’uwitwa Weibo, akavuga ko ari impuzu ibica bigacika kuko ikingira abakobwa bashaka gusohoka muri za nzu z’ubutambiro mw’ijoro. Gusa ikitaramenyekana n’uko iyo mpuzu yoba idandazwa. Iyo mpuzu ikaba ari nko kwiyoberanya. Abakenyezi benshi barerekanye ko bayikeneye, ko boyigura. Bakizera ko batazosubirazohura n’ivyo bisare bifatana ku nguvu mw’ibarabara.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.