Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushinwa : Nyamugigima yahitanye abanyagihugu 367 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubushinwa : Nyamugigima yahitanye abanyagihugu 367

Ubushinwa : Nyamugigima yahitanye abanyagihugu 367

lundi 4 Myandagaro 2014

Nyamugigima yiyadukije mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu c’Ubushinwa mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana yahitanye abanyagihugu bagera ku 367, abaharurwa mu 1881 barakomereka, inzu nazo zirenga ibihumbi 12 zirabomoka.

Abategetsi b’igihugu c’Ubushinwa bamenyesha ko iyo nyamugigima yiyadukije ku karere ka Ludian gasanzwe kabamwo abantu benshi cane, nko ku birometero 366 uvuye mu gisagara c’intara ya Yunnan. Imboneshakure CCTV imenyesha ko iyo mpanuka yibonekeje kuri uwu w’Imana nk’igihe c’isaha cumi n’iminota 30 y’umuhingamo ibaye iya mbere ihitanye abantu benshi kuva mu mwaka w’2000.

Amakuru atangwa n’abategetsi b’Ubushinwa avuga ko abantu 367 aribo bahitanywe n’iyo nyamugigima, muribo, abaharurwa mu 357 bose bakaba batowe mu gisagara ca Zhaotong. Abo cumi basigaye batowe ibiziga ahitwa Quijing. Gushika mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, abajejwe gutabara bari bakiriko bararondera aboba bataracikana, mu bibomoka vy’amazu i Zhaotong, hamwe n’i Quijing.

Amazu aharurwa mu bihumbi 12 yabomotse yahora abamwo imiryango igizwe n’abantu bagera ku bihumbi 429, menshi muriyo akaba yari ameze nk’ayashaje, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru Xinhua. Ishirahamwe mpuzamakungu CROIX ROUGE ritabara imbabare ryamaze kurungika muri ako karere imfashanyo zigizwe n’ivyo kwipfuka, impuzu z’imbeho, hamwe n’amahema, ivyo vyose bikaba bihabwa abo banyagihugu batagira aho bakika umusaya. N’imfungurwa hamwe n’ibindi bikoresho vya nkenerwa vyarungitsweyo.

Iyo nyamugigima yo kuri uwu w’Imana yibukije iyaheruka mu mwaka w’2008, igahitana abanyagihugu baharuwe mu bihumbi 90 mu ntara ya Sichuan.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.