Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushinwa : Umuriro wahitanye abantu insinzi mw’ibagiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubushinwa : Umuriro wahitanye abantu insinzi mw’ibagiro

Ubushinwa : Umuriro wahitanye abantu insinzi mw’ibagiro

lundi 3 Ruheshi 2013

Abantu bataramenyekana igitigiri bahitanywe n’umuriro mw’ibagiro ry’ibikoko vy’ibitungano riri i Dehui, mu buraruko bushira ubuseruko bwo mu gihugu c’Ubushinwa.

Hakaba hari haciye imyaka irenga 10 ibintu nk’ivyo bitari biherutse kuba muri ico gihugu c’Ubushinwa gisanzwe gikunda gihitanwa n’ivyaduka vy’umuriro mu mahinguriro.

Abantu barenga amajana atatu akaba aribo bari muri iryo bagiro ry’i Baoyuan i Dehui, mu ntara ya Jilin igihe uwo muriro waduka kw’isaha cumi na zibiri zo mu gitondo zo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 3 Ruheshi 2013. N’abakora ubutabazi ntibari bazi neza igitigiri c’abantu cari cahitanywe n’uwo muriro, ivyo tukaba tubikura mu makuru atangwa n’igipolisi co mu Bushinwa.

Ibiro vyo mu ntara bijejwe itangazamakuru vyo muri Jilin, vyamenyesheje isaha 2 n’iminota 25, kw’isaha mpuzamakungu, ko abantu bagera kw’ijana na cumi n’icenda aribo bari bamaze kuhasiga ubuzima, imbere y’aho umurongo ngurukanabumenyi « Twitter » wari umaze gutangaza ko hamaze gupfa abantu 43.

Ibimenyetso vya kabiri ntivyari vyerekanye neza abakomeretse ariko vyari vyatangaje kare ko hari hamaze gukomereka abantu 54 batavuze uburyo bakomeretse.

Igenekerez rya 25 Kigarama umwaka w’2000, umuriro wari wahitanye akaguriro gakomeye k’i Luoyang, mu ntara ya Henan, haca hapfa abantu bagera ku 309. Kuva ico gihe, nta muriro ukomeye wari bwasubire kwihe inganda muri ico gihugu c’Ubushinwa.

Iyo nyubakwa y’ibagiro, yari yubatswe mu buryo bugoye, ifise n’imiryago basohokeramwo mitomito, ari navyo biri mu vyatumye hapfa abantu benshi kubw’uko babuze ingene banyaga amagara n’ingoga na ningoga.

Ivyatumye uwo muriro wiha inkumbi ntibiramenyekana neza, ariko kubw’amakuru yatanzwe n’imboneshakure y’igihugu CCTV mu Bushinwa, hari ivyabona bivuga kuba bumvise ikintu gituritse nk’icoba gitewe mu gihe iyo mboneshakure yari yatangaje ubwa mbere ko yoba ari intsinga z’amatara zoba zatumye uwo muriro waduka.

Abajejwe kuzimya imiriro bakaba bari bahazindukiye kuzimya ariko bibata ku w’amazi kuko umuriro warushirijeho kuguma waka.

Iryo hinguriro rikaba ryari ryatanguye mu mwaka w’2009, rikoresha abakozi bagera ku 3000 rigahingura n’amatoni ibihumbi 67 vy’inyama ku mwaka ajanwa kw’isoko ry’abashinwa, kubw’ubushikiranganji bujejewe uburimyi n’ubworozi muri ico gihugu.

Ku mpera z’umwaka w’2010 ikaba yari imaze kwinjiza imiriyoni 230 z’ama yuans, arizo miriyoni 29 z’amafaranga y’amanyaburaya. Ibivugwa n’ikinyamakuru « China news service."

Kutubahiriza amategeko mu mahinguriro mu Bushinwa biri mu bituma haba impanuka nyinshi mu mahinguriro y’ico gihugu na cane cane mu bucukuzi bw’ubutaka.
Ivyatumye haduka uwo muriro aho i Dehui bikaba bitaramyenyekana ariko hatanguye amatohoza, n’ingingo zikomeye z’umutekano zikaba zaciye zifatwa na Leta y’igihugu c’Ubushinwa.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.