Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushinwa : Umwana w’imyaka itandatu bamunokoye amaso baca barayadandaza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubushinwa : Umwana w’imyaka itandatu bamunokoye amaso baca barayadandaza

Ubushinwa : Umwana w’imyaka itandatu bamunokoye amaso baca barayadandaza

mercredi 28 Myandagaro 2013

Mu gihugu c’Ubushinwa, hari umwana w’imyaka itandatu yaborejwe n’abagizi ba nabi bakoresheje ibiyayuramutwe, baca baramunokora amaso yiwe kugira bayadandaze.

Iryo bara ritavurwa ryaraye ribaye, rikaba ryababaje cane abatari bake kw’isi yose.
Imboneshakure y’igihugu c’Ubushinwa mu ntara ya Shanxi ikaba yerekanye aho uwo mwana aryamye mu bitaro, ubu akaba afunzwe igitambara ku gihimba yanokowe amaso yiwe.

Ubwo bukozi bw’ikibi bwakozwe, buje kwerekana kandi ingorane y’ubukene busanzwe buhari bw’ibihimba vy’umubiri bakunze gusubiriza mu gihe ibihimba bimwe bimwe vy’umubiri vyarwaye. Ubwo bukene ari nabwo buca butuma haba ubudandanji bw’ibihimba vy’umubiri budashemeye muri ico gihugu.

Ikindi kibabaje kuri uyo mwana yanokowe amaso, abavyeyi biwe basanzwe ari abantu batifise, baba no mu gace k’igihugu c’Ubushinwa katishoboye. Abo bavyeyi biwe babonye ariko aravirirana mu maso, baciye bibaza ko yoba yaguye, mu nyuma niho bamenya ko bamunokoye amaso yiwe, babibwiwe n’abaganga ku bitaro bari bamujanyemwo kumuvuza.

JPEG - 22 ko
Isanamu y’uwo mwana yanokowe amaso n’abagizi ba nabi

Bivugwa ko uwo mwana yari yavutse atameze nk’abandi bana kuko yavutse atameze neza, bimwe bita ama « malformation », ari naco gituma abamunokoye amaso yiwe boba bamuhisemwo mu bandi.
Ahanini mu gihugu c’Ubushinwa, igikorwa co kubaga abantu kugira basubirize igihimba carwaye n’ikindi gikomeye ivyo bita « greffe » mu gifaransa, ni igikorwa gikorwa iyo hagize umuntu bacira urwo gupfa canke iyo abapfungwa bishwe, akenshi mbere bikorwa ba nyene uwo gupfa babanje gutanze uruhusha, ivyo ni ibivugwa n’amashirahamwe akingira agateka ka zina muntu mu Bushinwa. Ubutegetsi bw’igihugu c’Ubushinwa bukaba buhakana ko ivyo bikorwa vyo gutwara ibihimba vy’abapfuye banyene kubura badatanze uruhusha vyoba bikorwa.

Mwomenya ko imico y’abashinwa isaba ko umuntu wese yohambwa adakuweko n’igihimba na kimwe, eka mbere ni n’abashinwa bake bemera ko bakurako igihimba na kimwe mu gihe bishitse ko umuntu wabo yitaba Imana.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.