Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushinwa : Abantu 10 bishwe n’ubushuhe bwaduze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubushinwa : Abantu 10 bishwe n’ubushuhe bwaduze

Ubushinwa : Abantu 10 bishwe n’ubushuhe bwaduze

mercredi 31 Mukakaro 2013

Kuri uno no munsi wa gatatu, mu gisagara gikuru ca Shanghai kiri mu gihugu c’Ubushinwa hibonekeje ubushuhe butari bwasubire kubaho haraciye nk’imyaka 140, buca butuma hapfa abantu bagera kw’icumi.

Ubwo bushuhe budasanzwe ntibwibonekeje gusa mu gisagara ca Shanghai, ariko no mu ntara zitari nke zo hagati hmwe no mu buseruko bw’igihugu. Abategetsi bagabishije ko ubushuhe bushobora kuduga gushika kuma degre 41.
I Shanghai, kubw’amakuru ava mu biro bijejwe kuraba ivy’ubushuhe, ku muhingamo w’uyu wa gatatu, igipimo c’ubushuhe cageze kuri 39,8◦C. Umuvugizi w’ibitasa biraba ivy’amagara y’abantu, muri ako kerere, Leng Guangming, yamenyesheke ko abantu bagera kw’icumi baciye bitaba Imana ubwo nyene bivuye ku bushuhe bwaduze mu mwanya muto kuva ku munsi wa gatanu. Ubwo bushuhe, bwatumye kandi ibibanza vyo kwogeramwo ku mugaragaro bita « piscine », vyuzura abantu uko bitahora biri ubushuhe butaraduga.

Ibinyamakuru vyo mu gihugu c’Ubuchinwa vyaciye vyerekana amasanamu mu ntara ya Sichuan, mu kibanza co kwidaguduriramwo mu mazi citiriwe « Mer Morte de Chine », aho ingenzi nyinshi zahuriye hamwe zari zambaye impuzu zibatuma batibira mu mazi, zifise n’amabara aboneka.

Ahandi naho nko mu gisagara ca Pianyan, uburiro bumwe bwimuriye amameza yo gufungurirako hafi y’uruzi kugira abaguzi babo bashobore gufungurira hafi y’amazi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.