Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Djibouti : Ubushuhe n’imfungurwa ntivyoroheye abakinyi b’Intamba mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Djibouti : Ubushuhe n’imfungurwa ntivyoroheye abakinyi b’Intamba mu (...)

Djibouti : Ubushuhe n’imfungurwa ntivyoroheye abakinyi b’Intamba mu Rugamba

vendredi 4 Ndamukiza 2014

Abakinyi b’Intamba mu Rugamba bari mu gihugu ca Djibouti ntibariko baroroherezwa n’ubushuhe, eka n’ibifungurwa vyaho ntivyaboroheye. Urukino bitavye ruza kuba uno munsi kuwa gatanu, kandi inyuma y’ivyo vyose bizeye itsinzi. Umurwi wa Academie Le Messager ushobora gutahukana igikombe, umurwi wa New Generation uri kw’isonga mu murwi B.

Intamba mu Rugamba ziri mu gihugu ca Djibouti, kuva zishikayo ubushuhe ntibwaborohereje. Amakuru dukura aho muri ico gihugu, avuga ko hashuhse ku rugero rungana na 40 (40 degrés). Ubwo bushuhe bungana hafi incuro 2 ku bushuhe bwo mu gisagara ca Bujumbura. Iruhande y’ubushuhe, n’imfungurwa ntizabakundiye bagishika, ariko amakuru twaronse avuga ko babahinduriye imfungurwa. Naho biri uko, ivyo vyose ntibibaca intege, intsinzi barayibona.
Urukino ruhuza Intamba mu rugamba n’umurwi nserukiragihugu wa Djibouti ruza gutangura igihe c’isaha icenda ku masaha yo muri Djibouti(15h00) haza kuba ari igihe c’isaha umunani z’i Bujumbura (14h00).

Mu gihugu ca Brésil, abarundi ntibariko baravyoroha, umurwi wa New Generation si ugutsinda gusa urihaniza, uwo murwi wapfungiye Argentine ibitsindo 9 kuri 1 (9-1), ejo naho watsinze umurwi w’abana bahoze mw’ibarabara baserukiye igihugu ca Nicaragua ibitsindo bitanu ku busa (5-0). Mu nkino zose umaze gukina, umaze kunganya rimwe, nta rukino na rumwe uratsindwa. Umurwi w’Uburundi niwo uri kw’isonga ry’umurwi B urimwo ibihugu nka Tanzaniya, Argentine, Nicargua, na Philippines.

Mu gihugu ca Turquie, umurwi wa Académie Le Messager, mu nkino umazemwo iminsi, usigaje gutsinda urukino rumwe kugira uce utahukana igikombe. Naho wotsindwa mu rukino uhava ukina kuri uwu wa gatanu, usigaje urundi rukino rumwe, kuko nta na rimwe uratsindwa kandi ufise n’amanota menshi kurusha iyindi mirwi yose.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Ndanezerewe cane kubw’iyo mirwi y’igihugu cacu, Imana ikomeze kubashigikira no kubaha inkomezi itsinde itere iteka igihugu. natwe turabashigikiye. Tukipfuza ko n’intamba mu rugamba zogenza nk’uko.

  • ndiniteka ryo gushimira cane intamba murukamba,imana ibafashe muterimbere,natwe turinyuma yanyu.eka izoba itekamubarundi nomuburundi.imana ibaje imbere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.