IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ubusuma bwakorewe ku kibuga c’indege ca Bujumbura burasiga ubwenge

Ubusuma bwakorewe ku kibuga c’indege ca Bujumbura burasiga ubwenge

mercredi 18 Kigarama 2013

Ibanki INTERBANK ikorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura yarasahuwe ku munsi w’ejo kuwa kabiri n’umusuma ataramenyekana. Igitigiri c’amafaranga yibwe naco nyene ntikiramenyekana. Mu giporisi kijejwe umutekano ku kibuga c’indege ca Bujumbura bamenyesha ko bamaze gutangura amatohoza.

Umukozi wa INTERBANK ikorera ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura yaratewe n’umuntu ataramenyekana, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri 17 Kigarama 2013. Guy René Rudaterwa yari yinjiye mu nyubakwa asanzwe akoreramwo, aho ku kibuga c’indege ca Bujumbura, inyuma y’iminota mike gusa, niho yabona umuntu aje amugana, nawe akaba yariko yugurura isandugu ibikwamwo amafaranga. Akimubona yiyumviriye ko yoba ari umunywanyi wa INTERBANK aje kubika, canke kubikuza amafaranga. Ntivyabaye uko yavyiyumvira kuko uwo muntu ataramenyekana yari umusuma, yitwaje imbugita. Yaciye amusimbirako amukubita icuma mu mutwe, yongera amusogota iyo mbugita yari afise mu nda. Yaciye kandi asimbira ku vyuma bifata amasanamu arabizimya, amafaranga aratekera ashira mw’isaho yari afise, yongera aratwara n’icuma c’inyabwonko kibika amasanamu kugira ntihagire n’uwuhava amuca ikanda. Uwo musuma yaciye asohoka mu mutekano ntangere, yinjira mu muduga wari umurindiriye hanze. Amakuru ava ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura amenyesha ko iyo modoka yoba yamushikanye ku kivuko ca Bujumbura.

Guy René Rudaterwa yasigaye aravirirana amaraso menshi, aca abona gutabarizwa n’umukenyezi akorera ikigo OBR (Office Burundaise des Recettes), aho ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura. Guy René Rudaterwa ariko avurirwa ku bitaro BOUMEREC mu gisagara ca Bujumbura.

Igipfungu ni cinshi kuri ubwo busuma

Twokwiyumvira ingene vyogenda kugira umusuma yitwaje ikirwanisho yokwinjira ku kibuga c’indege ca Bujumbura, kandi hari ibirindiro vy’abaporisi babanza gusuzuma uwuje wese, bafise n’ivyuma bishobora kubona ivyo umuntu yitwaje n’aho vyoba bitekeye. Ubwo busuma bwabereye ku metero zitanu gusa z’ahakorera abajejwe n’umutekano n’abandi bakozi b’ishirahamwe SOBUGEA (Societé Burundaise de Gestion Aeroportuaire). Vyogenda gute kugira ntihagire n’umwe avyumva? Ikibuga c’indege ca Bujumbura gicungerewe n’ivyuma bifata amasanamu. Ivyo vyuma vyoba bidakorera ku muhora umwe ku buryo bashobora kubona ko hari icuma gisambuwe mu gace kamwe? Abariko bakorera kuri ivyo vyuma boba batabonye ko uwo musuma yinjiye, kandi ko asogotse Guy René Rudaterwa umukozi w’ibanki INTERBANK?

Abajejwe umutekano ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura bamenyesha ko bamaze gutangura amatohoza.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ntawokwizera amatohoza kuko UBUHINGA Buke buri mugucungera umutekano nibwo bugaragara no mumatohoza.

  • None ko bamwe bavuga Interbank abandi Bancobu twofata iki twebwe tutari hafi?Ivy arivyo vyose uwo mu taximan yamutwaye akamushikana kuri Port yoba yaramubonye agace kuko yaramutwaye aranashika aho yamujana!Abajejwe umutekano bogerageza bakaza barandika amazina y’ababa binjiye bose bakabaha ama bages basubiza basubiye inyuma!

  • ivyaha biramenyerewe, ni batamutora nuko bazoba badashaka kumumenya, mbabajwe n’uwo mukozi yacumiswe ibibugita gusa. Ndamwifuriza gukira.

  • Ewe Burundi waragowe aho uko nahabonye hariho abo bacaka nabo bareka?

  • Aba bandits nk’abo ntibarye ngo baryame bitebe bitebuke bazotuzwa. Nsabe abenegihugu bashire inguvu hamwe n’igipolisi cabo batuze ubwo bubisha

  • huuuuuuuuuuuu aho rero mutubwiye ngo turindire amatohoza?twama twayabonye suite yayo hama turasavy iyo banki ivuze umukozi wayo gusa ibindi navyo twibazeko iyomodoka yamuzanye yaguruka kuk nimba yagira hasi barayipimye mukwinjira hariya kuri entré ham nomukwinjira naho uba ufise aga sac a main ugacisha mucuma sinzi rerok ubu ivyovyuma vyaciye bipha canke bibona ivyo vyategetswe gusa?

  • haaaaaaaaaaa. ababarundiko aricabwenge. muvuye kuduhanga none muri kubibuga.burundi waragowe. mwikosore. abomwahemukiye

  • mbe ko ayo matohoza bataya menye hakiri hare?

  • Muribukako twinjiye muri E.A.C,aho tutari bwijire murivyo bihugu bibanyi ,twahora twuvyumva ko haba ubusuma murivyo bihugu buhanitse nkubwo bwaraye bubaye kukibuga c’indege ca BUJA,aho rero ntituvuze ubu eskro buba murivyo bihugu nyene,nkasaba rero abarundi ko boca akenge bakamenyako iyi E.A.C ishobora kutuzanira vyiza nabibi.

  • ABABARUNDI KOBIHINDUYE. ICABWENGE. HAAAAA. BATOZABASUMA NABAKENYEZI BANYU. IBYAYWABYANYU

  • ABABARUNDI KOBIHINDUYE. ICABWENGE. HAAAAA. BATOZABASUMA NABAKENYEZI BANYU. IBYAYWABYANYU

  • Pfata abo batama mubarungike muhira baramaze kuruha mu mwitwe mushireho abakiri bato bakibasha

  • asha uwanditse ibi bibazo ni nyawe kweli. Ndasavye uwujejwe umutekano kukibuga c’indege ca Bujumbura agerageze kwishura ibi bibazo mukugira ayo matohoza bama bariko baratubwira ariko ntitumenye icavuyemwo. Birateye isoni n’ubwoba kwumva ubusuma nkubwo bushobora kubera ahantu nkaho hategerezwa kuba hari umetekano ukwiye. Umuntu aca yiyumvira yama Agence ari muma quartiers nka za Kamenge, Kinama, Musaga nahandi. baribeko mukwikingira nayo nta gi polisi gihari. Nimba ataribo nyene babikora kubera uko tumaze kubabona ntacvo badashoboye. IMANA ikingire Uburundi n’ababubamwo.

  • Nsaba ko abavura uyo mukozi botabaza Imana dta rugira vyose agakira kumbure wosabga yibuka uwamuhakije kumwica mugihe bomwereka ayo ma image n’amakeyi yafashwe maze akibukiraho iyo nkozi yikibi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.