Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubutare n’agataka bishobora kuba urukiza ku butunzi bw’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Ubutare n’agataka bishobora kuba urukiza ku butunzi bw’igihugu

Ubutare n’agataka bishobora kuba urukiza ku butunzi bw’igihugu

jeudi 27 Ruheshi 2013

Umuhinga wo mw’ishirahamwe ry’abadagi GIZ, Dr Markus Wagner yarashikirije abategetsi b’Uburundi icegeranyo c’icigwa yakoze aho yerekenye ko igisata c’ubutare n’agataka gishobora kubera igihugu intango y’iterambere ry’ubutunzi bw’igihugu kuko amafaranga ava muri ico gisata ashobora kuva ku gice cahora ari kimwe gusa kw’ijana kigashika ku bice mirongo itatu na bibiri kw’ijana.

Muri ico cegeranyo, Dr Markus Wagner yerekena ingene igihugu coshika kuri iryo terambere, cane cane mu gihe hoboneka ugushaka kw’ubutegetsi, ubuhinga bukwiye n’ibikoresho vya kijambere.

Mwomenya ko igihugu c’Uburundi, kibifashijwemwo nUbudagi batanguye igikorwa co gusubiramwo no gutosora amategeko agenga ugucukura ubutare n’agataka, ihangiro akaba ari ukuduza ubutunzi bw’igihugu biciye muri ico gisata.

JPEG - 15.1 ko
Umushingamateka François Kabura, icegera c’umukuru w’inama nshingamateka ari kumwe na Dr. Markus Wagner, umuhinga wo mw’ishirahamwe ry’abadagi GIZ de la GIZ

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.