Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubutariyano : Umukongomanikazi yaronse intebe muri Leta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubutariyano : Umukongomanikazi yaronse intebe muri Leta

Ubutariyano : Umukongomanikazi yaronse intebe muri Leta

mardi 30 Ndamukiza 2013

Leta nshasha yarashinzwe m’ Ubutaliyano, kuri uyu wa gatandatu uheze, igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2013. Muri iyo Leta nshasha hakaba harimwo umushikiranganji w’umukeneyezi w’umu congomanikazi, i Kinshansa.

Akaba yagizwe umushikirakiranganji ajejwe ibiraba abanyamahanga mu gihugu c’Ubutaliyano. Yashitse m’Ubutariyano rero mu 1983, akurikirana ivyirwa bikomeye vyo kuvura amaso muri kaminuza y’abaromani. Ahejejeje amashure, yaciye yugurura cabinet y’abavuza amaso, ariko ntiyaronka abakiriya. Niho yaca aja muvya politike, biramukundira kuko yahanuwe n’umushingantahe wiwe asanzwe ari w’umutariyano.

Afise ubwenegihugu bw’ubatariyano, akavuga neza igitaliyano nk’abataliyano nyene, yararonse kenshi intebe zo hejuru mu mugambwe wiwe igihe yatangura kuja muvya politike imbere yuko atorwa kuba umushingamateka inyuma y’imyiyamamazo ihambaye, akaba yarashigikiwe cane n’abitavye amatora.

Uwo mushikiranganji mushasha akaba yaramaze kumenyesha intambara azorwana ku mpande zibiri nk’umushikiranganji ajejwe ibiraba abanyamahanga m’Ubutaliyano , Abandanya avuga kandi ko azorwanira ubutaka bw’igihugu ciwe kuko biri mu maraso iwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.