Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubutunzi ntibwifashe neza muri Espagne na Slovenia - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubutunzi ntibwifashe neza muri Espagne na Slovenia

Ubutunzi ntibwifashe neza muri Espagne na Slovenia

mercredi 10 Ndamukiza 2013

Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya buraya waburiye ibihugu vya Espagne na Slovenia ko ari vyo bihugu mu biwugize ubu vyugarijwe kurusha ibindi n’ibibazo bikomeye vy’ubutunzi bikenewe kuronkerwa umuti vuba vuba.

Icegeranyo c’uwo muryango ku buryo ubutunzi bumeze mu bihugu biwugize gitunga agatoki amadeni akomeye y’igihugu ca Espagne n’ubushomeri bukomeye buhari.
Ubu abantu barenze kimwe ca bibiri c’abanyagihugu ba Espagne bari munsi y’imyaka 25 babuze akazi.

Hagati aho kandi, umuryango mpuzamakungu witaho ubutunzi kw’ isi, OMC, waratangaje ko ikibazo c’ubutunzi kivugwa mu bihugu vya buraya bibangamiye iyongerezwa ry’ubutunzi kw’ isi.
Uyu muryango wagabanije ibitigiri vy’ukuntu ubona ubutunzi bwokwiyongera kw’ isi mu myaka iri imbere uvana ku bice 4.5 kw’ijana igera ku bice 3.3 kw’ijana .


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.