Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Umwigeme yashatse ko iminwa yiwe iba mitoyi ica ivyimba incuro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Amerika : Umwigeme yashatse ko iminwa yiwe iba mitoyi ica ivyimba incuro (...)

Amerika : Umwigeme yashatse ko iminwa yiwe iba mitoyi ica ivyimba incuro zitatu

jeudi 8 Nzero 2015

Ubuvuzi bwo mu buhinga bwa none bumaze imyaka n’imyaka bushobora guhindura uko umuntu yaremwe bukamugira uko abishaka (chirurgie esthétique), ariko hari igihe bidakunda, nk’uko vyashikiye Farrah Abraham.

Uwo mwigeme w’imyaka 23 aba mu gisagara ca Omaha kiri i Nebraska muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yari amaze gusubirishamwo umubiri wiwe incuro zishika 10 harimwo aho yasubirishamwo agasakanwa kiwe, ariko ku ncura ya 11 abaganga vyabataye ku w’amazi.

Kuri iyo ncuro, Farrah Abraham yashatse ko bamutera umuti witwa Botox kugira iminwa yiwe bikunde igabanuke kandi imere neza, ariko uko yabishatse siko vyagenze. Aho kugabanuka, iminwa yiwe yaciye ivyimba incuro zishika zitatu uko yahora ingana.

JPEG - 80.8 ko
Uko Farrah yarameze ubwa mbere n;uko yahindutse

Farrah abonye uko iminwa yiwe ibaye, yanditse ku murongo wiwe wa Twitter mu ruririmi rw’icongereza ati : "Girlfriends don’t say I didn’t warn ya !" bisigura : "Bakobwa-bagenzi ntimuze muvuge ngo sinabagabishije!"


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Yesu Ahabwe Icubahiro!Ntanarimw Icaremwe Cigez Kurema Ikindi!Minini Niyo Yesu Yabony Ko Yomukwira,kandi Yibuk Ko Hari Nabavukany Ibibare Ataruko Bacumuye!

  • Ni ibara,ni ivumwe mubantu!! aho ikibumbano gihaririz umubumvyi ngo wambumvy ukutariko!! afis n ububasha bwokukimena akabumbamw ikindi. Turi ubusa twoshima ukuturi.

  • Hari abandi abantu hari abantu Satani iriko igendera muri ibi bihe bikomeye.
    Aho ukwiyumvira Imana n’ukuvuga ubutumwa barodera guhinyuza ingene yabaremye. Eka n’ink’abo barondera ibisusu ku nguvu; haraciye imyaka n’ine, umuntu wo muri minisanté yanteye inkuru y’umukobbwa w’umu Tanzania yafashe imiti y’ibisusu aca abona azanye igisusu kini cane ku ruhande rumwe rw’inuma; murashobora kwibaza ingene yoba yarameze.
    hari ibintu abantu basigaye bagira n’Imana igaca ibahaniraho!

  • abo bakobwa batatuzaniye umuhero prématurée ndabarahiye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.