Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuvyibuhe burenze gishobora kuba ingorane mu rugo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubuvyibuhe burenze gishobora kuba ingorane mu rugo

Ubuvyibuhe burenze gishobora kuba ingorane mu rugo

samedi 30 Munyonyo 2013

Kugirango umusore atore uwo bazubakana, bivana n’ivyo aba akunda bituma yipfuza ko uwo bokwubakana yoba abifise. Ku bakunda muto muto, iyo ashitse mu rugo akavyibuha birenze, urugo ruba rugiyemwo ingorane ndetse bigashika urugo rugasambuka.

Hari imisore usanga yikundira inkumi zivyibushe, iyindi yikundira tumwe twonze bita “Mannequin” canke zigereranye. Ivyo biri no mu bakobwa, hari abakunda abahungu bavyibushe bamwe usanga bafise inda zingana n’umubindi n’abandi bakunda abahungu bato bato canke bari hagati na hagati.

Mu Burundi, iyo abantu barongoranye bisigura ko bagiye kubana ubuzima bwabo bwose, kanatsinda, n’indagano zabubakana zirabivuga. Izo ndagano hari abazirengako, bakahukana bivuye ku bintu vyinshi bitandukanye. Muri ivyo bituma, ubuvyibuhe burenze burimwo. Umusore mu gushima umukobwa kenshi arabisha ijisho. Uwukunda agakobwa bato bato, asanze umukobwa akwije ivyo akunda, aramuresha ndetse vyakomeye akamusaba ko bobana. Mu gihe uwo mukobwa avyemera, ntakibuza barubakana.

Bamaze gushinga urugo,wa mukobwa muto muto yabaye umugore, urugo rwa mwereye, haraho usanga yavyibushe. Serugo nawe yifitiye kamere ko gukunda abagore bato bato bikamugora kwakira, ingorane zikaba ziradutse. Umugabo ashobora kuba yamushimye imisaya igororotse ugasanga asigaye ari amabinga canke ibitama. inda igaseseka, umubiri wose ugaterana.

Uko biri kwose, uwo mugabo canke umugore ntareka gutirimutswa n’ihinduka rishikiye umwe bemeranye kubana ubuzima bwose. Naho ibanga ryo kwubaka ribangirwa ingata, harabo iyo ngata isendwa. Umwe muri bo ntaba akiryoherwa no gufatana urugendo na mugenzi we. Mu nzu, igishika kiraihera kigaherengetera, n’abagifitaniye agaheyiheyi, haragera igihe igitanda bagiriyeko ubugeni kitakibakwira, ugasanga ubwo buvyibuhe burenze ntibuva no k’ubutunzi ngo bakoreshe ikindi. Igiteye ubwoba, hari n’aho bishika ukurangura amabanga y’abubatse bikabananira.

Iyo umwe mu bubakanye agize izo ngorane, kenshi uwudashoboye kuvyihanganira yadukana ingeso zo kurenga ibigo, Aho akabikora ariko arondera uwo umutima wiwe wipfuza. Ico rero n’ikibazo kigoye gutorera inyishu, kuko umusore akiresha inkumi ntamenya ko uwo azovyibuha akarenza canke azoguma ukwo ari.


NKESHIMANA Chérif

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.