Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuyapani : Umuyaga w’igihuhusi Phanfone wahitanye benshi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubuyapani : Umuyaga w’igihuhusi Phanfone wahitanye benshi

Ubuyapani : Umuyaga w’igihuhusi Phanfone wahitanye benshi

lundi 6 Gitugutu 2014

Igihugu c’Ubuyapani catewe n’umuyaga w’igihuhusi ukomeye cane bise Phanfone, wahitanye benshi mu Bumanuko. Inyuma yogushika ahitwa Honshu, ubu kiriko kigana Tokyo.

Uwo muyaga ugenda gushika ku birometero 180 kw’isaha, watanguye muri iki gitondo igenekerezo rya 6 Gitugutu, watumye indege 600 zitaguruka, wica n’abantu 4 harimwo abasoda 3 ba banyamerika, batwawe n’imifunda y’ikiyaga bariko bafata amafoto kw’izinga Okinawa mu bumanuko, n’uwundi muntu batamenye irengero ryiwe yari mu bumanuko bushira uburengero bwa Tokyo i Fujisawa, abandi 9 bakomeretse.

Imbere ko ico gihuhusi gishika, habanje kurwa imvura nyinshi. Abajejwe kuraba ikirere muri ico gihugu baburiye abantu kubishobora gushika nk’umwuzure wa mazi, imifunda ikaze, imvura nyinshi cane cane hagati no mu burengero bw’Ubuyapani. Ubutegetsi bwasavye ko abantu 300 000 bimurwa, nk’uko imboneshakure y’ico gihugu NHK yabimenyesheje.

Ico gihuhusi cabujije abarondera abantu babuzwe irengero ryabo ku musozi Ontake ahabereye vya birunga vyahitana abababa 51, haheze indwi.


Nadege Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.