IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi busaba abanyeshuri gusubira mu (...)

Ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi busaba abanyeshuri gusubira mu buraro

lundi 25 Rusama 2015

Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi asaba abanyeshuri bose baba mu ndaro ziri ku Mutanga,I Kiriri,mu Kamenge n’izege mu ntara ya Gitega kuba bashitse mu buraro isaha umunani z’umuhingamo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 25 rusama.

Mw’itangazo ryosomwe n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaspard Banyankimbona kuri uno w’Imana igenekerezo rya 24 rusama,uwo muyobozi yamenyesheje ko bishimikije impanuro z’inama zibiri z’umutekano ziherutse gukorana,abanyeshure bose ba kaminuza basabwe kuba bashitse mu bigo vya kaminuza kuri uno wa mbere isaha umunani z’umuhingamo.

Gaspard Banyankimbona yavuze ko umunyeshuri atazoba arashika mu cumba ciwe ku munsi wa kane igenekerezo rya 28 rusama,icumba ciwe kizoca gihabwa uwundi,ngo kuko hasanzwe hari benshi babikeneye.

Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi yasavye abajejwe uburaro muri kaminuza hamwe n’uwujejwe ivyigwa gukurikiranira hafiishirwa mu ngiro ry’izo ngingo,aca amenyesha ko abanyeshuri batazoja mw’ishuri bazofatirwa igihano co kudahabwa agafashanyo.

Ku ruhande rw’abanyeshuri,Ernest Niyungeko umwe mu baserukira abanyeshuri amenyesha ko ata mugambi bafise wo kwitaba akamo katewe n’umuyobozi wa kaminuza,kuko ikibazo c’umutekano catumye basohorwa mu bigo vyakaminuza nubu kitaratora inyishu.

Avuga ko binagoye kwinjira mu bigo vya kaminuza mu gihe batazi icateguwe mu gihe cose bamaze batari muri ivyo bigo,agasaba ko ababasohoye muri ivyo bigo bokwerekana neza ko umutekano wasubiye kuboneka.

Mwomenya ko abanyeshuri ba kaminuza bari basohowe mu ndari kw’igenekerezo rya 30 ndamukiza kw’itegeko ry’umushikiranganji,aho yamenyesheje ko basohowe kubera imvo z’umutekano.

Messages

  • birababaje kandi birateye agahinda aho umuntu yize kandi akanonosora amashure yiwe ashobora guhamagarira abantu mu ntambara nakajagari.yabirukanye bavugako aribo nkwezi zibibera mu nyakabiga bagomba kandi babicishe inzara?mbe ababa hanze nabo bazoba bariko bacahe co kimwe nabigisha?batinye ko bahungabanya ivy amatora,ariko vyaraheze.sinziko ari urukundo babafitiye,ariko twama twarwumvise.ndizera niba ari abanyeshure ba kaminuza,bemera ibihano ndetse no kubirwanya bakabirwanya.ntakindi bagomba atari ico gihumbi bazabatwara ku musi kumusi,ivyo navyo nibo bokuzobirwanira.na gaston yarabasize.nta nakenge nagatoyi ashiramwo,nuguvuga ibisunitswe.mb harya ariyumvirako umutekano wabitwako barwanya leta ariwo uzokwitabwaho gusumba.rwomuhindukirira yotaka nka anatole naba onésime.arabura abo yishirira hejuru.IMANA idufashe.

  • Ntiyojayo nawe numuryango wiwe

  • Jewe mbona abobanyeshurebosubiramwishure bakiga.jendibazakumutekanowabuwikwiye.nonekobafita ubwoba harabobasobanuye.

  • HIHIHI. Mpebe ntwenge naho bibabaje. Mbe ugereranije ingene umutekano wari umeze le 30 avril na le 25 mai, vyoba vyagiye bitera imbere canke vyarononekaye? Bibaza ko bahenda abana? Urwo rukundo ni mumpekure.
    Laboratoires za DD ntizigira aba starteges. Iyo baja kubagira, ntibari guhindira abo banyeshure hanze. Ubu rero kuko vyobafasha bagarutse, bariko barabahamagara. Eeehh, umutekano ni 99,9% Amenyo agutwenga ari gwawe...

  • Ewe ncabwenge z’iburundi! Aho gushima ko babagarukiye mwari mugeze ahatemba, mutanguye kwihagararako? Ja mw’ishure mwige mureke kwirigwa mwanagana amapine ngo mugomba gukura umukuru w’igihugu. Umuntu atakuwe na blindé mwe muzomukuza amapine? Ndabatwenze!

  • mbe ko bavuga ko batagishoboye kubacungerera umutekano ubu naho barabishoboye?ko ataco yabivuzeko!?nukuri bareke amanyanga barimwo twarabahinyuye

  • Mbega aho mudutumako umutekano wabonets mubigo vyakaminuza?.cank mushaka kudukorerako?.shaaa! twarabameny kuko aho mwabukaranga twari musi y’urujo!!. .

  • Nibyizaa. Abashaka kwiga nibige naho abatabishaka bakomeze bakanure amaso mwibarabara bacana amapine hanyuma ikizamini nikiza bisobanuke. Abenshi muri inzo mburagasani bazaba bandika kumpapuro mukizamini ibi bikurikira ( pine!!!! Pine!!) Gusa amazeru yo arabarindiriye

  • Je nibaza ko uwushikiranganji yabasohoye ko ariwe yobahamagara. Nayo uwuvuga ko azofata ibihano, sinzi. Mbe ko numvise babomoye ama chambres amwamwe, baravuze ico babikoreye? Hashobore kuba harabitsweyo ibirwanisho hanyuma bibahitane? Nukuvyitondera. Il faut etre intelligent

  • AHUBWO NTANISONI ABIVUGANA.UBU NYEN ARARABA MURI BUJUMBURA AKABONA KO UMUTEKANO WABONETS?MBER UBUHO NIVYAHUHA VYARAHUHUTS BIRUTWA NIGIHE BABIRUKANA.J NIBAZA KO ICO KIBAZO BOBANZA BAKACITONDERA!

  • Mwumvisengo abanyeshure ba Kaminuza ngo nibobaturiye ibikoresho vy’amatora none mugire mubatere ubwoba.Mwarawucanye mugushira imbere NKURUNZIZA mbabwirako bitazoborohera.Umuti wa vyose nuko Peter yoyemera avavanura na mandat idaciye mumategeko ahandiho imbere siheza

  • Mwumvisengo abanyeshure ba Kaminuza ngo nibobaturiye ibikoresho vy’amatora none mugire mubatere ubwoba.Mwarawucanye mugushira imbere NKURUNZIZA mbabwirako bitazoborohera.Umuti wa vyose nuko Peter yoyemera avavanura na mandat idaciye mumategeko ahandiho imbere siheza

  • ariko iby iburundi ni comedie, theatre, canke uranana

  • yaaaaaaaa ! !! !! , oya nukuri tubwire neza, nta bana bacu turungika kwicwa n’inzara, umunsi mubiriza ubusa mukabirukana ninzara munda ubutarariye hari habaye iki , muriko mubakinirako ? bazoza niyo abandi biga bo muri primaire na secondaire bo mu gisagara ca bujumbura . MURABONA !!!!!. Tubwire icahindutse. banza mutubwire aba bomoye ivyumba nico babibomoreye ? dukeneye inama yihuta ya comite isigura icatumye bataha hamwe ni gitumye bagaruka apana ivyo gushira imbere ibihano. murakoze

  • Je nahora nibazako ambassade ya USA yahejeje kubaha VISA,kumbe baracari i burundi?

  • Adahevye kwitoza Ntimuzoyiga Nubusazi Bwabafashe sarira Hiyo Muzohumura Muhumiwe Mwe Rendegera

  • Hahaha!!! Ewe Gaspard Uri Umunyarwenya!Mbega Niwe Watwirukanye?baragusutse aba dd sha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.