IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi burahakana ko hari abanyeshure (...)

Ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi burahakana ko hari abanyeshure barenganijwe

mercredi 21 Myandagaro 2013

Inyuma y’uko abanyeshure bo mu mwaka wa mbere n’uwa kabiri bo muri kaminuza y’Uburundi bari bamaze iminsi ibiri, ijoro n’umurango bagandagaje imbere y’ibiro vy’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, kuri uno munsi wa gatatu, ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi bwagiranye ikiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru bamenyesha ko ingingo z’ibihano zafatiwe abanyeshure zisunze amategeko kandi ko batarota bazisubiramwo kuko boba bayarenze.

Inyuma yo kumenyesha abari aho uko ibintu vyagiye biragenda kuva kuri yegereyegere yabaye kuva igenekerezo rya 10 Mukakaro gushika ino saha, umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza yamenyesheje ko ivyo bihano vyahawe abo banyeshure vyatanzwe hisunzwe amategeko.
Gaston Hakiza yabandanije yibutsa ko n’ubu umenyeshure wese atari mw’ishure ata gafashanyo azohabwa, iminsi yose batitavye ivyigwa izokurwamwo, ndetse n’amahera y’iyo minsi itatu bamaze batari mu mashure azokurwa ku gafashanyo k’ukwezi kwa Myandagaro, kuko nk’uko Gaston Hakiza yabisiguye, "ako gafashanyo kagenewe abanyeshure bari mw’ishure, atari abari mw’ibarabara." Arongera kandi abeshuza ivyo abo banyeshure bavuga ko haguma hirukanwa abandi kandi avuga kandi ko ibihano vyafashwe bitabaye ivy’ikivunga, ahubwo uwagize uruhara wese mu kajagari babereye mu bigo vya kaminuza y’Uburundi yaronka igihano ku gatwe kiwe.

Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza ati : "Hamwe umubonano muvuga ko wateguwe n’umuhuza w’abarundi n’abo baserukira abanyeshure woba uhari nditaba, ariko gushika zino saha ntaco ndamenyeshwa. Nitwasanga hari itegeko twarenze turemera ikosa, ariko akaba ata tegeko na rimwe ryarenzwe ntitwumva uwo wundi muntu yoza adutuma guhonyanga amategeko."

Twobamenyesha ko umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza yaremesheje ico kiganiro mu gihe ku munsi w’ejo mu biro vy’umuhuza w’abarundi bari basavye abo banyeshure kuba barataha, mu kurindira ibizova mu kiganiro c’umurwi washinzwe guhuza izo mpande zompi, ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi n’abaserukira abanyeshure bavuga ko barenganijwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.