Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuzima bwa Papa Fransisko bugiye gukorwako ireresi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubuzima bwa Papa Fransisko bugiye gukorwako ireresi

Ubuzima bwa Papa Fransisko bugiye gukorwako ireresi

jeudi 5 Nyakanga 2013

Amazina ya Papa Francisco ni Jorge Mario Bergoglio. Akaba ava mu gihugu ca Argentine, mu gisagara ca Buenos Aires. Jorge Mario Bergoglio yabaye Papa wa ekleziya gatolika inyuma y’aho uwari Papa, Benedigito wa 16 atanze imihoho ku bushake bwiwe. Ubwitonzi yerekana bwatumye Alejandro Agresti yiyumvira gukora ireresi ivuga ubuzima bwiwe

JPEG - 14.2 ko
.... ubwitonzi yerekana bwatumye Alejandro Agresti yiyumvira gukora ireresi ivuga ubuzima bwiwe

Papa Francisco agitangura kuja ku ntebe y’umwungere wa EKleziya Gatolika, yaratangaje abantu benshi bitewe n’uburyo yagaragaye nk’umuntu yicisha bugufi cane. Ibi vyose vyarashitse ku mutima abantu batandukanye, aho vyatumye umuyobozi akomeye w’amareresi mu gihugu ca Argentine, Alejandro Agresti ari nawe yakoze ireresi "The Lake House" amenyesha ko agiye gukora ireresi ivuga ubuzima bw’uwo mwungere wa katolika kw’isi yose. Aho hari mw ‘isabukuru ry’amareresi (Venice Film Festival) ryabereye i Venice mu mpera z’ino ndwi twaraye turangije.

Iyo reresi izoba ivuga ku buzima bwose bwa Papa Francisko, izoba yitwa A Priest’s Tale, ikazobonekamwo ukuri ku buzima bwiwe bwose kuva akiri umwana muto ari iwabo muri Buenos Aires, n’uburyo yafashe inzira yo gukurikira umuhamagaro wo kuja mu gipadiri kugeza ageze i Roma atorerwa kuba umwungere wa ekleziya katolika.

Rodrigo de la Sierna yamenyekanye mu reresi "The Motocycle Diaries" akaba ariwe uzokina ari Papa Francisko.
Aganira n’ikinyamakuru Variety ari naco catangaje iyo nkuru, Agresti yamenmyesheje ko ari ibintu yipfuje gukora kuva abona imico y’uwo mwungere wa ekleziya katolika.
Mu majambo yiwe yavuze ati : "Sinshaka kuvuga ku buzima bwiwe uko niboneye. Mfise ubushake bwinshi bwo kwinjira mu buzima bw’uyu muntu yicisha bugufi cane, uburyo yahisemwo gukurikirana uwo muhamagaro n’uburyo yafatanije ivyizere vyiwe mbere n’impamvu yari afise ukwo kwizera, ni ukuvuga kuba yarize nk’umujesuite afise imyaka 14 mbere yo kuja mu gipadiri.”

Yabandanije avuga ati : "Iyo reresi izoba ivuga ku buzima bwiwe nk’umuntu, inkuru yiwe izoba ikozwe mu buryo bwo kwibuka kahise ndetse n’indoto ziwe z’ejo hazoza yari afise imbere yo kwerekeza i Roma mu birori vyo kwimika Papa mushasha, akaba ariwe yisanze yasubiriye Benedicto wa 16.”

Uzafasha mu bikorwa vyo gukora iyo reresi (producer) Pablo Bossi yamenyesheje ko iyo reresi izofatirwa amasanamu mu bihugu nka Argentine ari naho uwo mushumba wa ekleziya akomoka, Ubudage n’Ubutaliyano. Iyo reresi rero, nk’uko babandanya babimenyesha ikaba isaba amafaranga atari make kuko zirya mpuzu abihebeye Imana bambara zirazimvye cane.

Abakurikiranira hafi ibijanye n’amareresi bemeza ko niyakorwa ikaja hanze izogurwa cane bitewe n’uko uwo mwungere wa ekereziya gaturika akunzwe cane na benshi mu bayoboke ba ekleziya katolika.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.