Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuzima bwa Sonia Rolland benshi batazira "Léa Parker" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubuzima bwa Sonia Rolland benshi batazira "Léa Parker"

Ubuzima bwa Sonia Rolland benshi batazira "Léa Parker"

jeudi 10 Gitugutu 2013

Sonia Rolland ni umwigeme abenshi bari bamenyereye mw’ireresi yitwa Léa Parker Aho yakina yitwa iryo zina nyene. Yavukiye i Kigali mu Rwanda igenekerezo rya 11 Ruhuhuma umwaka wa 1981. Uwo mwigeme aravanze se amuvyara n’umufaransa nyina nawe n’umunyarwandakazi.

JPEG - 28.8 ko
Sonia Rolland

Mu mwaka wa 1989, abavyeyi biwe hamwe na musazawe baciye bimukira mu gihugu c’Uburundi, bagiye guhunga mu mwaka wa 1994 igihe intambara y’ihonyabwoko ibaye mu Rwanda, muri ico gihe yari afise imyaka 16. Yaciye akurira i Bourgogne aho yaba mu buryo bubayabaye ahitwa Cluny.

Ku myaka 18, imbere y’uko atorwa kuba umukobwa wa mbere mwiza mu Bufaransa mu mwaka wa 2000 ‘’miss France 2000’’, igenekeerezo rya 11 Kigarama 1999 ku mboneshakure TF1, yaratowe kuba miss Bourgogne 1999. Inyuma yaho yaciye atorwa kuba umukobwa mwiza mu Bufaransa miss France 2000 bikaba vyari imbonekarimwe ko ngaho mu Bufaransa batora miss afise amamuko muri Afrika. Inyuma yaho, yaciye ava aho mu bufaransa atangura kunzunguruka isi. Imbere yo gushika ku ndoto yiwe yo kuba bamwe bakina utuntu dutwenza bita comedienne ,yaciye atangura kugira mannequinat ni ukuvuga gutambuka kugira ugaragaze imyambaro y’abashona aho naho yabikorera ku muhinga muvy’inyamabaro karin Models.

JPEG - 11.2 ko
Sonia Rolland kumwe n’abavyeyi biwe

Mu mwaka wa 2002, yaciye atangura gukina bimwe vyo gutwenza hamwe n’uwitwa Radu Mihileanu aho yaciye akina muri’’ Les pygmees de carlo sur Arte’’. Iyo rerersi yaciye yerekanwa mw’isabukuru y’amareresi i Saint Tropez mu mwaka ukurikira, inyuma yaho yaciye atangura gukina mu gakino k’igipolisi Lea Parker.

Mu mwaka wa 2001 ari kumwe na nyina Landrada, barashinze ishirahamwe’’ Sonia Rolland pour les enfants’’mu nyuma ryahavuye ryitwa ‘’Maisha Africa’’. Iryo shirahamwe rikaba rifasha abana b’impfuvyi babuze abavyeyi mw’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda mu mwaka wa 1994. Yaciye akora kuva mu mwaka wa 1994 ibikorwa bitari bike arondera amafranga kugira afasha abana haba mu bikoresho,mu mibano hamwe no mu mutwe.

Iryo shirahamwe rimaze kwubakira inzu zigera kuri 16 abo bana hakaba hari nizo na 20 zindi bubakiye abo bana kuva mu mwaka wa 2009. Ibikorwa amaze gukora akaba ari vyinshi cane afatanije n’ayandi mashirahamwe atandukanye .Uwo mwigeme yaranditse n’igitabo yise les gazelles n’ont pas peur du noir muri ico gitabo akaba yavugamwo ubuzima bwiwe bwose kuva ari mu gihugu c’ Urwanda, igihe ashika mu Bufaransa, ukuntu yakuze i Bourgogne, uko yabaye miss France hamwe n’ibindi yagiye arakora.

Ivyerekeye ubundi buzima bwiwe busanzwe, afise umwana yavyaranye n’uwitwa Christophe Rocancourt, uwo mwana yavutse igenekerezo rya 13 Nzero 2007 akaba yitwa Tess Rolland Rocancourt. Mu mwaka wa 2009, yaciye ahura n’umukinyi w’amareresi yitwa Jalil Lespert mu gihe bariko barifotoza, igenekerezo rya 6 Munyonyo 2010 yaciye avyara umwana yitwa Kahina Lespert.

Miss Sonia Rolland muri ino minsi afise urugendo mu gihugu c’Urwanda aho agiye gukorera ireresi yise Rwanda mon amour ikaba yanditswe na Jean Christophe Siriac umwanditsi akomeye w’amareresi. Iyo reresi yo mu bwoko bwa documentaire, Sonia Rolland azoyikorera mu bice bitandukanye vy’u Rwanda vyerekana umuco w’abanyarwanda .


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.