Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru mu Burundi bwarasubiriye inyuma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru mu Burundi bwarasubiriye inyuma

Ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru mu Burundi bwarasubiriye inyuma

mercredi 4 Rusama 2016, par egide

Isi yose yahimbaje kuri uwu wa kabiri umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru. Uwo munsi wahimbajwe mu gihe itangazamakuru mu Burundi ribangamiwe, n’amwe mu maradiyo yigenga akaba yarasabuwe.

Mw’ishirahamwe ry’urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi bavuga ko intambwe yari imaze guterwa mu bijanye n’ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru yari ishimishije, ariko kuva hatanguye intureka mu Burundi, urwo rugero rwasubiriye inyuma cane, kuko abanyagihugu batakironka amakuru biboroheye, abamenyeshamakuru nabo bakaba batoroherwa mu mirimo yabo.

Mu bihugu biri mu myanya ya nyuma mu bwigenge bw’ukumenyesha amakuru hariho kandi igihugu ca Sudani y’amaja epfo kiza ku mwanya w’140 mu bihugu 180 mu cegeranyo casohotse muri uwu mwaka w’2016, ico cegeranyo kikaba cerekana ukuntu ubwigenge bw’itangazamakuru ryifashe kw’isi.

Abamenyeshamakuru bo muri Sudani y’amaja epfo bamenyesha ko bahura n’ingorane zitari nke mu mwuga wabo, harimwo no gushobora kuhasiga ubuzima mu gihe bariko batohoza ukuri.

Bamenyesha ko baronka amakuru make cane ava mu bisata vya Reta, kandi ko rimwe na rimwe baterwa ubwoba ahandi bagatabwa mu mvuto n’abantu bikeka ko bakorera inzego z’umutekano za Reta.

Umukuru arongoye ihuriro ry’abamenyeshamakuru muri Sudani y’amaj’epfo, Oliver Modi amenyesha ko n’ubu abajejwe umutekano ba Reta babandanya gutera ubwoba, guhagarika no gupfunga abamenyeshamakuru.


IGIHE

Messages

  • Ndateye intege abamenyeshamakuru bakorera amaradiyo yigenga muburundi nacanecane humura hamwe ninzamba ingene bakomeje kurwana urugamba mukuduha amakuru atosoye bashira ukuri ahabona kumarorerwa ariko arakererwa abarundi na nkurunziza nakarwi kiwe nibakomere kumuheto nkaca mboneraho guterakamo abanyepolitike nacanecane abatavugarumwe na nkurunziza hamwe namashirahamwe adaharanira ivyicaro vyapolitike nabandi barundi guhaguruka tugashigikira abonyamakuru mugukora ikintu kiboneka kugira noneho bashobore gukorera ahabona kandi bidegevya atankomazi mugihugu cabo ubundi urugamba bariko bararwana twagomba kuba aritwebwe twabatanguriye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.