Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwiza bw’abantu mu minsi buzoba butangaje - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubwiza bw’abantu mu minsi buzoba butangaje

Ubwiza bw’abantu mu minsi buzoba butangaje

mardi 11 Ruheshi 2013

Umwigisha muri kaminuza y’i Washington ari kumwe n’umuhinga Nickolay Lamn baribaza uko umuntu azoba asa mu myaka ibihumbi cumi. Isozerwa ry’icegeranyo ca muganga Alan Kwan umuhinga mu vy’amamuko y’abantu kiratangaje cane.

Abo bahinga rero ukwo ari babiri barashoboye gutanga amasanamu y’abantu ukwo boba basa mu myaka 20 iri imbere,

mu myaka 60 iri imbere ndetse no mu myaka ibihumbi icumi iri imbere, bavuga ko muri iki gihe abantu ari beza ndetse Imana yoba yarahinduye urutoke nk’uko bamwe babivuga. Abo bahinga bavuga ko umuntu muri iyo myaka ngo azoba ari igitangaza, azoba afise amaso meza, ayagayaga kurya kw’izuba n’ukwezi.

Baravuga ko ubuhinga buzotera imbere ndetse n’ubwenge bw’abantu uzosanga ari bwinshi, ivyo rero ngo bizotuma abantu bagira imitwe minini ugereranije n’iyo dufise ubu. Ikindi naco ni ubuhinga bw’uguhindura uko imibiri y’abantu izoba iteye, buzoba nabwo buteye imbere, aho rero bavuga ko abantu bazogerageza kwigira neza kugira bagire ubwiza burengeye.

Muri ico gihe abantu bose bazoba ari beza mu maso heza, bakanura nk’inyana.

Amaso manini abazogira Imana bagasubira kuvuka ico gihe, bazoba bafise amaso amurika mw’ijoro ku buryo ab’ico gihe bazoba babona mw’ijoro. Imishatsi y’abo bantu nayo izoba ikomeye kandi ishobora kurinda imbeho k’umutwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.