Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwiza bw’umubiri bwotuma ingo zirama? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubwiza bw’umubiri bwotuma ingo zirama?

Ubwiza bw’umubiri bwotuma ingo zirama?

lundi 15 Mukakaro 2013

Ubwiza bw’umuntu bivana n’ukungene nyene gushima aba abubona. Umuntu aba mubi canke mwiza bivanye n’ukungene umubona canke bivanye n’umuntu.
Ubwiza bw’umuntu, bashobora kuburabira ku rukoba canke ku nyifato yiwe. Umuntu yihweje ukugenge abashaka kwubaka urwabo babikora, kenshi ikibakwega cane, ni ukungene umuhungu canke umwigeme yifata.

Hari benshi rero bagerageza gukora urwo ruhande rwo gushaka kuba mwiza ku rukoba kugira bashimwe n’uwo baba biyumvamwo.

Abagabo iyo bafashe ingingo yo kurondera uwo bubakana rukaguma, ikibakwega cane n’inyifato n’imico abakenyezi barondera baba bafise. Mu bigaragara cane, igikunda kubatuma bashima uyu canke uriya, usanga baraba ukungene uwo mukenyezi aba yifata mu mibereho ya minsi yose.

Kuba mwiza ni kimwe gishobora gutuma umuhungu yotumbera umwigeme yashimye ariko sico cerekana ko ubwiza buri inyuma aribwo buba buri indani. Burya umuntu aboneka ko ari mwiza mu gihe afise imico myiza, yumvikana n’abantu, arondera ineza y’abandi kandi aciye ubwenge mu kuronderera inyishu y’ibibazo biba bije uko biba biri kwose.

Bimwe muvyotuma ingo zirama, haba ku ruhande rw’abagabo canke rw’abakenyezi, harimwo kwubahana, kwicisha bugufi, kwumviriza uwundi mu gihe umwe ariko aravuga, kwihanganira ibigoye.

Ku bakenyezi, barasabwa kuba ari abantu bafise umunezero, bakerebutse mu gutunganya ibintu mu rugo, kwama basa neza, kwakira no gufata neza umugabo, kuba umugore w’intore akaba na nyina w’ibibondo. Kuba abagumyabanga na cane cane kwubaha no kugirira icizere umunega wiwe.

Ku bagabo nabo, basabwa kuba ari abantu bakingira urugo rwabo, bakunda abagore babo bakabereka ko bafise agaciro mu maso yabo, gukemura ibibazo vyose bihanze urugo, kuba ari abantu barinda, badatinya urukamvye. Kugira berekane ko bitayeho umuryango naho, bakwiriye kwama bereka umugore n’abana ko kubaho kwiwe kuzotuma babaho batarinze gushera, akama anabibutsa ko abakunda.

Kwibaza ko uri mwiza, ntibihagije. Ahubwo ubwo bwiza nibwo bwari bukwiye kuba umushinge wo kwubakako intumbero y’ubuzima. Umuntu rero nyiyoca asya bwose, yibwira ko ubwiza afise buzomutuma aroranirwa mu muryango. Kurya bavuga ko umutima w’umuntu bawurabira kuvyo yama, n’ubwiza bw’umuntu bugaragarira ku nyifato n’imico.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.