Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
MAU MAU izoshumbushwa n’Ubwongereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > MAU MAU izoshumbushwa n’Ubwongereza

MAU MAU izoshumbushwa n’Ubwongereza

jeudi 6 Ruheshi 2013

Leta y’Ubwongereza yemeye guha agashumbusho abanywanyi b’umugambwe Mau Mau wo muri Kenya bahohotewe n’abasirikare b’Ubwongereza mu gihe c’ubukoroni.

Umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire, William Hague, yamenyesheje ko ibihumbi vy’abanye Kenya bakubaguwe mu gihe umugambwe Mau Mau watanguza ibikorwa vyo gusaba ukwikukira ku nguvu mu myaka y’1950.

Umushingantahe Hague yavuze ko Leta y’Ubwongereza izotanga agashumbusho k’amafaranga arenga imiriyoni mirongo ibiri z’ama dolare.

Umugwi w’abahoze ari aba Mau Mau, bitwariye Ubwongereza muri sentare mu gisagara ca Londres basaba ko Leta yemeza amahano bakorewe, urwo rubanza bararutsinda mu mwaka uheze.

Ubwongereza rero bukaba bwiteguriye gutanga agashumbusho kuri abo bantu bahohotewe.


Egide nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.