Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwongereza bwahagaritse ingingo yo gutera Siriya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza bwahagaritse ingingo yo gutera Siriya

Ubwongereza bwahagaritse ingingo yo gutera Siriya

vendredi 30 Myandagaro 2013

Abashingamateka mu Bwongereza bahakanye ingingo yo gutera Siriya mu gihe ikekwa gukoresha ibirwanisho vy’ubumara ku banyagihugu.

Umushikiranganji wa mbere David Cameron yavuze ko azokwubahiriza ivyo abashingamateka bahisemwo, aho "oya" yaronse amajwi 285 kuri 272 ya "ego". Ubwongereza rero ntibuzokwidikanya na Amerika mu bitero.

Amakuru dukesha BBC amenyesha ko Amerika yavuze ko izobandanya kuvugana n’Ubwongereza kuri iyo ngingo, mu gihe arico gihugu bifitaniye ubucuti igihe kirekire.
Umukuru w’umugambwe Labour utavuga rumwe na Leta, Ed Miliband, yavuze ko ubucuti hagati y’Ubwongereza na Amerika budategerezwa kuba gusa gukora ivyo umukuru wa Amerika ashaka.

Aho yavugana na BBC mu kiganiro Newsnight, umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi, Philip Hamond, yamenyesheje ko Leta y’umukuru w’igihugu Assad ica yumva igize agahengwe kubera iryo hitamwo ry’abashingamateka b’Ubwongereza.

JPEG - 42.6 ko
Umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi, Philip Hamond

Ingingo yo gutera Siriya yashikirijwe na Amerika hamwe n’ibindi bihugu bikomeye ku mugabane wa Buraya, inyuma y’igitero c’ibisasu bivugwa ko ari ivy’ubumara, muri Damas, haciye indwi irenga.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryarungitse abahinga bo kwihweza namba vy’ukuri ivyo birwanisho vyarakoreshejwe, ariko amatohoza ntarahera.

Mu bihugu bishigikiye Siriya harimwo Ubushinwa n’Uburusiya bivuga ko gufata ingingo iyo ariyo yose kuri Siriya bitegerezwa gukurikira itohoza ry’abahinga ba ONU.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.