Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwongereza bwiyamirije ikoreshwa ry’inguvu ryatumye abantu bapfa mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ubwongereza bwiyamirije ikoreshwa ry’inguvu ryatumye abantu bapfa mu (...)

Ubwongereza bwiyamirije ikoreshwa ry’inguvu ryatumye abantu bapfa mu Misiri

samedi 27 Mukakaro 2013

Umushikiranganji w’imigenderanire y’ubwongereza n’ayandi makungu, William Hague, yasavye abategetsi ba Misiri guhagarika ubwo bwicanyi no gukoresha imiriro. Yavuze ko ababikoze bategerezwa kubihanirwa, kandi ko imyiyerekano y’amahoro itegerezwa kwemererwa.

JPEG - 33.2 ko
William Hague, Umushikiranganji w’imigenderanire y’ubwongereza n’ayandi makungu

Uwujejwe imibano n’amakungu mw’ishirahamwe ry’abanyaburaya, Catherine Ashton yamenyesheje ko ababajwe cane n’ubwicanyi bwabaye n’ijoro mu Misiri.
Yasabye ko abategetsi ba Misiri bubahiriza abashaka gukora imyiyerekano mu mahoro.

JPEG - 11.6 ko
Catherine Ashton, ajejwe imibano n’amakungu mw’ishirahamwe ry’abanyaburaya

Umugambwe Muslim Brotherhood w’uwahoze atwara Misiri, Mohammed Morsi, wavuze ko abantu baguye mu ntureka zaraye zibaye hafi y’umusigiti w’i Raba Al Adawiya ku murwa mukuru wa Cairo barenga ijana na mirongo ibiri.

Uwo mugambwe wagiriza igisirikare ko arico cakoze ubwo bwicanyi. Abaganga bamenyesha ko abo bariko baravura babasangamwo amasasu mu mutwe canke mu gikiriza.

Mu bushikiranganji bw’ubutegetsi bw’igihugu ca Misiri ariko ku ruhande rwabo basigura ko ivyo vyatumwe n’uko igisirikare cari gitewe, maze kirivuna.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.