Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwongereza: Elisabeth wa II yajanywe mu bitaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza: Elisabeth wa II yajanywe mu bitaro

Ubwongereza: Elisabeth wa II yajanywe mu bitaro

lundi 4 Ntwarante 2013

Mubwongereza,hari inkuru ivugwa ko umwamikazi Elisabeth wa II ari mu bitaro guhera kuri uyu w’Imana urangiye igenekerezo rya 3 Ntwarante 2013 bivuye kungwara ya gastro-enterite.Uyo mwamikazi akaba ageze ubu ku myaka 86.

Umwamikazi Elisabeth akaba ariko arakurikiranwa mu bitaro vyitiriwe King Edouard VII i Londres kubimeneyetso vya gastro-enterite basanze afise.Kubw’ivyo,ivyo yari yiyemeje vyose gukora vyaciye biba birahagaritswe.Ivyo n’ivyatangajwe n’umuvugizi wo ku kirimba.

JPEG - 12.5 ko

Ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 1 Ntwarante,bari bamenyesheje ku kirimba ca Buckingham ko umwamikazi yakitswe n’amagara kubimeneyetso vy’ingwara vya gastro enterite bamutoye,baca bamusaba guhagarika urugendo yari afise muri Pays de Galles,agume aruhutse mwishato ya Windsor,muburaruko bw’i londres.Niho baca bamutwara mubitaro kuri uyu w’Imana,aho Catherine,umutambukanyi w’umwuzukuru wiwe William ,yari yakiriwe igihe yari yagwaye mu ntango y’imbanyi yiwe muri Kigarama.

Ngo n’urugendo rwari ruteguwe yarafise i Roma rwaciye ruba rurahagaritwse.Ivyo bikaba vyatangajwe mu kirimba ca Buckingham.
Vyari bitegekanijwe ko Elisabeth II n’umunega wiwe,le duc d’Edimbourg w’imyaka 91 baja i Roma kuri uyu wa gatatu no kuwa kane aho bari batumiwe n’umukuru w’igihugu c’Ubutaliano Giorgio Napolitano.

Elisabeth asanzwe ari umuntu w’amagara meza kandi w’inkomezi.Ku mwaka ku mwaka arashitsa amasezerano yiyemeje.Ngo yaraheruka kuja mu bitaro mu 2003.Ivyo bikaba vyatangajwe n’iradiyo y’abongereza BBC.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.